Somalia : Umurwanyi wa Al-shabab ari mu minwe y’igisirikare ca Reta 

Umurwanyi wa Al-shabab ari mu minwe y’igisirikare ca Reta Amakuru ava i Mogadiscio ku murwa mukuru w’igihugu ca Somaliya amenyesha ko uwo murwanyi atafashwe nk’abandi ariko ko yatorotse umurwi Al-Shabab,mu gihe yari yahawe igikorwa co kugira ibitero muri iki gihe aba islam bari mu kwezi kw’amapfungo.

Gen Mohamed Ahmed,umwe mu bategetsi b’igisirikare ca Somaliya yamenyesheje ko uwo mugwanyi asanzwe arongoye intara zitatu mu murwi Al-Shabab yari yarungitswe mu ntara ya Hiran isanzwe ibamwo abantu benshi.