Umuvugizi w’igipolisi arahumuriza kurwamo rwibirwanisho rwumvikanye kuri uwu wa kane 

« Uno munsi nk’igihe c’isaha umunani n’inusu, mu kabande gatandukanya Jabe na Kigobe, igiporisi kijejwe gukingira abanyagihugu kiraza guturitsa ibirwanisho vyamaze kwononekara kugira ntibizohave bitera ingorane z’umutekano. »
Petero NKURIKIYE avugira igiporisi c’Uburundi amenyesha ko ibirwanisho biza guturitswa ari ivyafatanwe abagizi ba nabi, canke ivyari biri mu bubiko ariko vyarononekaye.

Mu gihe ibirwanisho vyahora biturikirizwa ku Mudubugu mu ntara ya Bubanza, umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi ashikiriza ko ivyo birwanisho biza guturikirizwa mu gisagara ca Bujumbura, kuko batorinda kwunguruza abaza gukurikirana ico gikorwa, abo nabo akaba ari abakurikiranye ivyigwa vyaheruka kuba, ku bijanye n’ukungene ibirwanisho bibikwa, n’ingene hasamburwa ivyononekaye.

Petero NKURIKIYE arahumuriza abanyagihugu bo mu gisagara ca Bujumbura, ko batogira ubwoba nibumva ivyo birwanisho biriko biraturika.