Iyo foto mubona niyo abarundi yafashwe mu 1972. Abo mubona bari kumurongo si abatondeye guhembwa ku mpera y’ukwezi; ntibanatondeye gutora nkuko vyama bigenda ku minsi y’amatora; eka kandi ntibanatonze kwa muganga nkuko biboneka kubitaro hamwehamwe. Bashorewe nkimbagwa kumacurino kuko bagiye kwicwa banafurigwe mubinogo rusangi. Bamwe bahambwe babona, abandi barashwe; harimwo nabakubiswe inyundo. Si ukuzura akaboze ni ukubara inkuru zifise ivyabona. Icaha conyene bagirizwa ni uko bavutse gusa. Ubwoko bwabo. Abarundi barakwiriye kuvugana ukuri bakareka kubeshana basigana inkore kumaso kugira ngo bazokire maze bahagarike ububeshi, irementanya, ukwicana no kugerageza kunyegeza umwotsi inzu iriko irasha. Ibi tuvyanditse ngo dukebure ibirirwa barandika, bavuga canke banaririmba ibintu bitubaka. Kugira ngo twikubite agashi, twikebuke tuve ibuzimu tuje ibuntu.
Hariho Abarundi, abanyarwanda, abakongomani eka n’abandi barabandanya kwandikira imbuga z’abisezerano, bamwe babaza utubazo, abandi bashikiriza ivyiyumviro kandi bose barahawe kaze gushikiriza ico bagona. Eka kawe ufise icifuzo, ikibazo canke iciyumviro vyawe kubishikirizwa n’abisezerano canke kubiriho kwisi vyaba muvya politike, muvya gisirikare canke muvyo impwemu urahawe kaze kubishikiriza.
Twagomba uyu munsi tubashikirize ivyiyumviro vyabantu babiri bavuze kuco biyumvira bihweje ibishikirizwa n’abarundi eka mbere n’abanyamahanga bamwe bamwe ku burundi.
UWAMBERE
Shalom,Numvise mu mutima ko nkwiye kugira ico nshikirije nk’Umurundi kubijanye n’ibihe Igihugu cacu kirimwo!Abarundi barayamaze bati:iyo buba ubw’umwe bwari ikindi!Jw ndatangazwa cane n’abanyepolitike b’Abarundi ku buryarya butey’ubwoba bafise,aho baguma bavumereza ko ata kibazo c’ubwoko kihari,ariko mu kandi kanya ukumvango amahonyabwoko!Aho umuntu aca yibaza ibibazo bimwe bimwe,a,Mbega ihonyabwoko riba ryo iyo hapfuye nde?Hari ibindi vyanyobeye,i wacu aho navukiye nakuze bambwira ugwimo numva na za murere na ba mujeri,impfuvyi impunzi,n’ayandi mabi,mu nyuma numva Ntega na Marangara,bidatevye ngo Ndadaye arishwe,inyuma yaho Amasinzi y’Abarundi arahona,ariko mu vy’ukuri n’ubu ntituramenya abaduhekuye!ikibabaje kikaryana umutima,n’uko hari abahutu benshi bariko bapfa bishwe n’abahutu bagenzi babo,hamwe n’abatutsî bicwa n’abatutsi nkabo!icibonekeza n’uko hageze cane ko Imana iza gutabara Igihugu cacu,Igishitseko ivyo yasezeranye kuva kera,maze Abayiteze tubone kuruhuka.Tube maso twitegereze kandi tubone iyo tuvuye aho tugeze n’iyo tuja,twitunganye tube imboneza mu bikorwa vy’impwemu n’ivyo mu kuri,twihe Imana nayo Idukoreshe nk’uko yabigabiye!twizereko amayeri n’amanyanga mu Gihugu catoranijwe nk’Uburundi,vuba cane bigiye kurandurwa burundu,maze tuzobone uburyo bwiza bwo kwitunga,gutunga abacu,no guteza imbere Igihugu catwibarutse tubone kwivomera amata n’ubuki mu mutekano ntangere!Imana Ihezagire Uburundi n’Abisezerano bo bazanye inyishu irama ku Gihugu cacu. Buhaga Michel.
UWA KABIRI
Shalom!ncuti bakundwa ntimucike intege kubiriko biba kuko ntanakimwe kitavuzwe na bavugishwa n’Imana.
Ahubwo ibiriko biraba bidutere kweger’Imana caneeeeee gose kuruta ibindivyose ncuti bakundwa twokwibaza impamvu haciye igihe gito,cane tuvuye muntambara?ubu,tukaba twongeye kuyishubiramwo?nahawe,nahanje mwene data ntacavuzwe nakimwe k’Uburundi kitazobura gushika.bakundwa bene data ikinigihe cukwiyeza no kwitunganya muburyo bwose bubaho kuko ntagisigaye kugirango Imana ishitse icoyavuze kugihu c’Uburundi.
Bakundwa b’Imana iconobasaba nuko twozahamwe tugateramira amasezerano kukwik’aricogihe cokwakira amasezerano.ncuti,bakundwa Umwami wacu akomeze kutugirira neza
Muhezagirwe n’Imana
Augustin
NONE WEWE UBIVUGAKO IKI?
Twandikire kuri abisezerano@gmail.com
