Abantu benshi baribaza bati niba amageragezwa y’iyi si ashobora kuba menshi kandi adashobora kwihanganigwa n’abungere b’imitima ya kiliziya nini kandi ishinze imizi kw’isi yose, ubwo intama ntizizohava zibaza yuko ari akarorero keza canke inzira irashe yo gushika mw’ijuru?
Ukwiyahura kwabaye akaranda kwisi mugabo yashitse ku gutwara ubuzima bw’abasenyeri ba kiliziya gatolika kaba kiziziye benshi. Kwigenekerezo rya 31/05/2017, Musenyeri Jean Marie-Grégoire Balla wo mu gihugu ca Kameruni yavuye aho aba aja kwita muruzi akorotse ku kiraro asiga yanditse urwete aho mumodoka yiwe ati: « Ndi mumazi ». Aha twobibutsa yuko atariwe wa mbere yiyahuye mu bungere ba kiriziya katolika.
Aha twobabwira yuko nko kumagenekerezo:
-15/10/2016 patiri w’imyaka 30 y’amavuka yahagaritse imisa muri paruwasi Saint Melanie, akura umwambaro aja kwita mukiraro ku burebure bwa metero 61 gicamwo gariyamwoshi i Morlaix.
-22/12/2013 muri Normandie w’imyaka 50y’amavuka yariyahuye ku mvo zitazwi.
-23/04/2010 umupatiri i Marseille yariyahuye aciye izosi mu cymba ciwe co muri Paruwasi Saint Margarite. Yarasanzwe yagirizwa gusambanya abana: Pedophylie.
-5/06/2006 patiri Sylvain Muntzinger w’i Paris yariyahuye ngo bamwagirije ibinyoma .
Tubamenyeshe yuko abo ari abashobora kumenyekana bo muri kiriziya katolika mugabo yuko hari n’abandi impfu zabo zitaja ahabona muyandi madini.
None kubwawe, uruvugo, amageragezwa, imiruho y’umubiri nayo umutima yotuma uhemuka ugakora icaha kitababarirwa! Ntikibabarirwa kuko utaronka amahigwe yo gushobora kwihana.