Cameroun: Ibitero bibiri vy’abihevyi vyahitanye abantu bane, bikomeretsa abashika 20 mw’ikambi y’impunzi iri mu buraruko bwa Cameroun.

Ibitero bibiri vy’abihevyi vyahitanye abantu bane, bikomeretsa abashika 20 mw’ikambi y’impunzi iri mu buraruko bwa Cameroun.Ico gitero cabereye mu gisagara ca Kolofata hafi y’urubibe n’igihugu ca Nigeria, cibasiye ikambi y’abataye ingo zabo kubera ibitero vy’umugwi ugendera ku vyiyumviro vya Islamu Boko Haram.

Ubwicanyi bumaze igihe bwiyongeye muri ako karere biturutse ku bitero vy’abagwanyi ba Boko Haram bisigaye vyibasira ibihugu bibanyi.