Imburi nshasha ku burundi , Urwanda na Congo: « Imyungu n’ikawa birasasirwa kugira ngo bikure neza »

,,, I MYUNGU IRASASIRWA KUGIRA NGO IKURE NEZA, I KAWA IRASASIRWA KUGIRA NGO IKURE NEZA ,,,
I jambo ry’ Imana n’ a ryo rirasasirwa, rirabagarirwa kugira ngo umuntu ary’ u mva rimubere risha rimuhindure, rimukure hano rimushitse hariya, 
Anselme, Nyawita, Yaragwira.
Imigani 30: 12 ; Har’ urunganwe rw’ a bantu bibwira ko batunganye, Ariko ntibuhagiwe imyanda yabo. = Mu runganwe umuntu aba agezemwo birasabwa yuko abanza kw’ i tegereza akagenzura agasaba u bwenge buva k’ Umana kugira ngo amenye uko akorera Imana mu nzira nziza, amenye uko agendera u runganwe aba agezemwo; iyo u geze mu runganwe nkurwo bisabwa yuko ugira u buryo bundi butandukanye nubw’ a burwo runganwe bakorerako muvy’ Imana, kugira ngo inzira zawe kuribo zame ari nsha kandi agakiza kawe kuri bo kame ari agatera bo igomwe kari munzira batamenyeye kuko uba wa sasiye ico ushaka kubahereza, kuko uba wabagariye amajambo yu bugingo abafasha kuvavanura n’a gakiza kurunganwe baba bagenderamwo bo bi bona ko batunganye ariko inzira zawe be n’ i nyigisho zawe bikama bishira aburwo runganwe hasi bakamenya ko wewe utagendera mu kw’ i zera nk’ u kwabo kandi babura iyo ukura inyigisho zawe kuko wa banje kuzisasira kuzibagarira kandi amajambo ari amwe yo muri bibiliya yera, ariko bigatandukanira mu bugene ushikiriza amajambo nu buryo ubanza ku yasasira ku yabagarira kugira ngo ubeho nk’ u sigaye mu burwo runganwe utagendera mu kwizera kumwe nk’ u kwabo, nkuko Eliya vya mugendeye ariwe wenyene yarasigaye mu bisirayeli batavuye k’ Umana ngo bagendere munzira zabo u bwabo babona yukw’ ari nziza 1 Abami 19: 10, kuko yari atandukaniye n’ a bandi mu vyo yavuga be nivyo ya kora, nico ca tumye amenyekana yuko atari kumwe na bandi , U guhamwa kwiwe aronderwa na Yezebeli kuba ukworoshe kuko yari umwe muri benshi, ivyo Yezebeli yashaka kumva sivyo Eliya yavuga canke ivy’ a bisirayeli bandi bavuye k’ Umana y’ u kuri bavuga bakanakora sivyo Eliya yumvikanwako avuga canke ngw’ a kore , arico catumye abo mururwo runganwe ba mubona mubi ahandi bakamutangarira ndetse bakanagomwa inyigisho ziwe n’ i mirimo yiwe, ariko bakabura uko ba bigenza ngo bamere nkawe.
Luka 9: 28- 36. ; 9: 29-30 ;; 29. Arikw’ a rasenga, ishusho yo mu maso hiwe ihinduka ukundi, imyambaro yiwe yera derere, irakayangana. 30. Abagabo ba biri bavugana na we, yari Mose na Eliya,. = Mu gihe abantu berekana yuko bazi Imana, bakijijwe ariko bidashimisha Uhoraho, arungika abamarayika bajejwe imirimo yayo yose, bakagenzura isi bitegereza ivy’ a bantu bikoza, hari abambara imibiri ya bantu buntu, u kabacako canke mukabana mu buryo busanzwe canke budasanzwe ku bamenya, ahandi bakagendera mu buryo nk’ u bu ; Zekariya 1: 7-10, maze Ijambo ry’Imana kuko rivugutiwe ibihetangabo indwi rirungikwa n’ abasavyi bayo i shoboye kubahinduramwo imiriro yaka be n’ i miyaga, bagira uwo Imana ibatumyeko kumumenyesha amwe mu majambo ahinyitse ndetse anyegejwe amaso ya basomyi benshi b’ ino bibiliya yera , kuko ishaka ryabo, u bwira bwabo, u mwete wabo muvyo gutahukirwa ivyayo biba ari bike nicogituma bamurikira : imitima u bwenge amaso vya banyamwete bagasobanukirwa amajambo agoye kuri benshi akinjishijwe kubwizo mpamvu bakaba aribo bayatahuzwa amwe akaba i banga ryabo ayandi akaba ayo kumenyesha ab’ u runganwe ruba rwerekana yuko rutunganye munzira z’ Uhoraho ariko atariko biri; << Uyu Mose yapfuye ahowe icaha co gukubita kabiri ku gitandara mu gihe ca kera Mesiya ataravuka arongoye u bwoko bw’ abo bw’ a bisirayeli bavuye muri Egiputa, kandi ahambwa n’ Imana u bwayo mu mwonga arico gituma na bugingo n’ ubu atawuzi imva yiwe ahiri Gusubira mu vyagezwe 34: 5-7. Ariko mu gihe ca Yesu Kristo aduganye na Petero na Yohana na Yakobo ku gisozi agahinduka agakayangana mu bwiza bwiwe, ba bona wa Mose avugana nawe ari kumwe na Eliya w’ i Tishubi; Kandi Eliya w’ i Tishubi we ya duganywe mw’ ijuru atabonye urupfu na gashururu 2 Abami 2: 11, Ariko Mose kuko ya ciye mu rupfu we birumvikana ko yabonekanye atarukw’ avuye mw’ ijuru nka Eliya; Rero ikibazo benshi mwo kwibaza ni girtya; Mose yahabonetse avuye hehe ? yavanye na Yesu Kristo be na Eliya w’ i Tishubi agana he ? Mbega Paradiso ico gihe yari imaze kubaho? ariko Mose ko ya vuye kw’ isi ahambwa mu mwonga wo kw’ isi, yabonekanye mu buryo bwa Mpwemu kw’ ino si avuye he? mbega nti mubona yuko Imana ariyo igira uw’ ihishurira ivyayo abandi ikabibima kuko ariyo nyene ku baremamwo imitima ukw’igomvye ku bakoresha.
1 Petero 3: 13- 22, 1 Petero 4: 6 ;; 3: 19-20. : ni bwo yagiyemwo abarira impwemu ziri mw’ i bohero ijambo ry’ Imana, 20. ni zo z’ a batumviye Imana kera, hamwe ukwihangana kwayo kwari kukirorereye mu misi ya Nowa, bwa bwato bukibazwa; muri bwo harokokeye abantu bakeya, bashika umunani, bakirijwe mu mazi. = Aba bantu bo kuri Nowa benshi bazi yuko isi yabo ya randuwe n’a mazi ko ivyabo vyaheranye n’ u mwuzure ko isi yacu ariyo ibikiwe umuriro ariko; nkuko Imana itagihaniraho nka kera ariko irindira umuntu ivyaha vyiwe ku bimuhora vyose niko yisiguye hano muri 1 Petero 3: 19-20 yuko; Yesu Kristo mu buryo bwa Mpwemu ya basanze mw’ i bohero ba bohewemwo mu buryo bw’ impwemu kuko imibiri ya boreye kw’isi ariko muri mpwemu baracabaho ariko urubanza rwabo ni rubi, u burake bw’ u yu Yesu Kristo burahambaye, kuva kuri Nowa kugeza umusi agiye mu buryo bwi Mpwemu kubabwira ijambo ry’ U wa mu tumye, izo mpwemu za bo kuri Nowa, mbega ntimwibaza imyaka icaho u kw’ i ngana, kuki yongeye kujayo kubabwira ijambo ry’Imana? kwari kugira ngo bakizwe? ko bari bahawe u mwanya ukwiye banka kumvira Nowa kandi na Nowa yumviye Yesu Kristo akiri jambo mw’ ijuru, amutegeka kubaza u bwato abihanishe banka kumwumvira bagahitanwa nu mwuzure, none Yesu Kristo yari abashiriye ijambo ry’Imana nyabaki? ribafashiki ko bari barangije ivyabo? << Luka 12: 1-12; 12: 4-5 ;; 4. Kandi ndababwira mwebwe abakunzi banje: Ntimugatinye abica umubiri, hanyuma batagira ikindi bazobagira. 5. Ariko ndabereka iyo mukwiye gutinya: mutinye Iyiheza kwica umuntu, ikagira ububasha bwo kumukororera muri Gehinomu. Ni koko, ndababwire, abe ari yo mutinya.= Hano hasigura yuko ki mubiri ya rabarimbuye ibarimbuza amazi, kandi ku bubasha afise, azofata zirya mpwemu zabo ki mubiri batagihari ariko bari mw’ i bohero mu buryo bwa mpwemu maze kuko ya rangije ku zisangayo azibwira ijambo ry’ Imana ; azozifata azikororere muri Gehinomu, ariho hano hasigura i catumye abashira ijambo ry’Imana : 1 Petero 4: 6. ;; Kukw’ icatumye abapfuye na bo babariwe ubutumwa bwiza kwar’ u kugira ngo bacirirwe imanza mu mubiri mu buryo bw’ a bantu, ariko babeho mu mpwemu mu buryo bw’ Imana. Abishwe bose batwawe nu mwuzure wa mazi kuri Nowa ntabwo vyarangiye muravyumva yuko iyi Mana itibagira kandi vyose biba ku rutonde rwayo.

Iyo utumviye Imana, ikuburira ntiwumve ikugarura ntiwigarure si mw’ isezerano rya kera ariko ni muri rishasha habivuga ; 2 Ab’ i tesalonike 2: 11- 12. ; Ni co gituma Imana ibarungikira ubuzimire bubakoreramwo, ngo bizere ibinyoma: 12. Kugira ngw’ abatizeye ukuri bose, bagahimbarirwa ukugabitanya, bacirwekw’ i teka. = Iyi Mana u shaka ku yi menya neza, ndamuhanura ntayishire muruhande rw’ i vyiza vyonyene, ahubwo ayishire mu mpande zose, guko u yishize mu ruhande rumwe kandi rw’ i vyiza ntuyimenya. << Yesu Kristo mu nyigisho y’ i gisha abantu, i bitangaza ya korera abantu, ntabwo y’ i bagira ku babwira nk’ u bamenyesha imbere y’ i gihe , kugira ngo ni vyashika kube u kubibutsa ko ya bibabwira kenshi , ya vuga i vy’ u ko ; inyuma yi misi i tatu azo zuka, ahandi abwira aburusengero rw’ i Yerusalemu, yuko borubomora akarwubaka mu misi itatu, imvugo yu mugani ariko ya sigura i vyurupfu rwiwe n’ u kuzuka, kugira ngo ; na zuka kuko cari ica kataraboneka ayaho ; Umuntu yi vugira i vyo gupfa kwiwe no kuzuka kwiwe mu misi itatu, bari kubifata kwar’ i vy’ i nzaduka, aricogituma ya bamenyesha kare : Natwe nti twarushe tubabwira ivy’ i ntambara ya nyuma yu Burundi, twakomeje tubibamenyesha kugira ngo, niba ntimuze mubifate kwar’ i vyiyadukije.

Amahoro. Shalom