P Claver NAHIMANA ati Iterambere ntirishoboka mu gihugu kitagira intwaro rusangi
Mu gihe haheze imyaka 24 umugambwe sahwanya Frodebu utsinze amatora y’umukuru w’igihugu yabaye mu mwaka w’1993,umunyamabanga mukuru w’umugambwe Sahwanya Frodebu avuga ko abarundi benshi bakeneye kuba mu gihugu kirangwa n’intwaro rusangi.
Umunyamabanga mukuru w’umugambwe Sahwanya Frodebu Pierre Claver NAHIMANA avuga ko bigoye ko igihugu gitera imbere mu gihe ata ntwaro rusangi ikirangwamwo.
Pierre Claver NAHIMANA amenyesha ko ukwezi kwa Ruheshi umwaka w’1993,ari ikimenyetso c’intsinzi y’intwaro rusangi mu Burundi,naho nyene ukwo kwezi kwakurikiwe n’ibihe bibi bibabaje harimwo itembagazwa ry’ubutegetsi hamwe n’ingwano zahitanye abarundi batari bake.
Mwomenya ko mu kwezi kwa Ruheshi,umwaka w’1993 ariho umugambwe Sahwanya Frodebu ariho watsinda amatora y’umukuru w’igihugu aho wari waserukiwe na Melchior NDADAYE,ahava agandagurwa amaze amezi atatu arongoye igihugu.