Umuvugizi w’igipolisi arahumuriza abumva ibisasu biturikira mugisagara ca Bujumbura

Petero NKURIKIYE avugira igiporisi c’Uburundi amenyesha ko bigizwe na gerenade 22 hamwe n’ibisasu bibiri vyo mu bwoko bwa Obus.
Mu gihe ibirwanisho vyahora biturikirizwa ku Mudubugu mu ntara ya Bubanza, umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi ashikiriza ko ivyo birwanisho biza guturikirizwa mu gisagara ca Bujumbura, kuko batorinda kwunguruza abaza gukurikirana ico gikorwa, abo nabo akaba ari abakurikiranye ivyigwa vyaheruka kuba, ku bijanye n’ukungene ibirwanisho bibikwa, n’ingene hasamburwa ivyononekaye.