IJAMBO RY’IMANA KUBO ISEZERANO AHO BARI HOSE KWISI/ MUGISHA Gabriëlla

Mbega hoba hari ishimwe ryoba ryarahawe iri Shengero rya « Lawodikiya »? Inyishu👉 « Ntaryo, ntanarimwe » 😊🤔. Niryo ryonyene murayo mashengero » ndwi » ritashimiwe namba🤔🤔😊. 👉 Ikibazo rero umuntu yokwibaza n’iki ngo: » None ingorane ryagize nizihe? »🤔🤔

Teka turabe uko vyarigendekeye nimpamvu👇

👉 Umugayo werekeye Ishengero rya Lawodikiya:

🍁 1. Kuba « Akazuyazi ». Ivyahishuwe 3:15-16. 

👉 Kuba « Akazuyazi » bigereranwa « n’intege nke  » mu vya Mpwemu. Muyandi majambo bishaka kuvuga ngo: ntufumye basi « utimba » ngufume basi uheba Ishengero, kugira ngo wibere « umupagani »; canke naho ngo « wamuze » muvy’Imana bimwe biboneka, ngugire ishaka, ahubwo ugacuhitamwo kwibera « Nyamujinyanino » mw’Ishengero🤔😊. 

👉 Kuba « Akazuyazi » kandi, kuba « Udakanye » canke « Utabize » ni kuba hagati ugafata vyose, muyandi majambo « Ukuguru » kumwe guhagaze muvyisi , ukundi guhagaze muvy’Imana. K’Umusi wo gusenga, ukaba « Umukurisu » aza mur’Urusengero, hagera muvy’ukora mubikorwa vya buri musi, ukaba « Umupagani » canke « Uw’Isi »🤔🤔. 

👉 Iyo Abaganga bagomba yuko umuntu « adahwa » bamunywesha amazi menshi y’akazuyazi kandi arimwo umunyu. Mubuhanuzi rero, « Amazi » agereranwa n »Abantu » umunyu nawo ukagereranwa » n’Ishengero » (ngo mur’umunyu w’isi). 

👉 Tugeze mugihe aho twogereranya naho Imana yanyoye amazi menshi y’akazuyazi arimwo umunyu: Abakristo baruzuye mumashengero, ariko ingorane nuko ni uko babaye akazuyazi. Basesemye Imana , nico catumye Ibwira umuntu wese w’akazuyazi aya majambo ateye ubwoba ngo:  » NGIRE NKUDAHWE » 🤔🤔😔😔. Mbega imvugo ibabaje😔😔 kandi itanezereje 😔😔! Mbega uwodahwa n’Imana yoheza akaja hehe?🤔🤔 

👉 Icokorwa coshimisha Imana ni uko umuntu yosigara mubu « pagani » bwiwe akaba uw’isi hako yihana igice , akayigayisha , akazimiza abagomba kwihana vyukuri ngo babe abayo. Mwene abo bakristo bo kw’izina ni abakozi babapagani Irababwira Iti:  » Nuko wewe wigisha abandi , mbega ntiwiyigisha? Wewe wihaniza abiba, weho ntiwiba?🤔🤔 wewe ubuza abandi gusambana , weho ntusambana?🤔🤔(tuzirikane aha ko ugusambana atari muburyo bwo kumubiri gusa, yamara ko nukuvanga inyigisho z’ukuri n’ibinyoma navyo vyitwa ubusambanyi muvyi Mpwemu), wewe wanka ibishushanyo vy’ibigigwamana , weho ntiwiba ivyo munsengero zavyo? 🤔🤔 « Abaroma 2:21-24 ».

👉 Akenshi twibwira yuko turi « Abatunzi » muvy’Imana kandi aro twe « Aboro » . 🤔🤔 . Twirata ko twambaye « Impuzu zo kugororoka » , zisayangana nk’Izahabu , ariko y’Imana , impuzu zacu ziranduye , zirirabura nkaya myambaro y’abatunzi bi « Lawodikiya » bambara imbere bakayihaya. Abantu benshi barirata ngo barabatijwe arikugasanga bakora ibinyuranye nivy’uwabatijwe vyukuri akora. 

👉 Yesu ibi arabizi neza, nico catumye avuga ati: » umuntu wese amvumereza ngo Mwami , Mwami, siwe azokwinjira mu bwami bwo mw’Ijuru , atari uwukora ivyo Data wo mw’Ijuru agomba (Matayo 7:21). Imana yise abo mw’Ishengero ryi Lawodikiya « Impumyi » zitazi gutandukanya iciza n’ikibi. Ngw’uko uko abakristo batari bake , mbere n’abakozi bamwe bamwe bameze. Ntibazi gutandukanya « ivyera n’ivyanduye » vy’ibiterasoni. Mwene abo bantu bazobona ibara nka rimwe ryo muri Yesaya 5: 20. Havuga ngo: » Bazobona ibara, abita ikibi iciza, iciza bakacita ikibi, bagashira umwiza mugishingo c’umuco , n’u👉 Abakozi b’Imana ba kera aribo « Balewi » , Imana yabagiriye inama ngo bamenye gutandukanya ikibi n’iciza ntibihende. Ingorane rero nuko usanga twebwe twashize agati mu ryinyo ntiduheze ngo tuzirikane iyo mpanuro nkuko iri mu Balewi 10: 8-10 havugango :  » Uhoraho abarira Aroni , ati ntuze wigere unywa kuri vino canke ku kiboreza na kimwe mwe n’abana bawe , igihe mugira mwinjire mw’ihema ry’ibonaniro, kugira ngo ntimupfe: ico kize kibabere icagezwe c’intahava ukw’ibihe vy’urunganwe rwanyu bizogenda bikurikirana , kugira ngo mubone uko mutandukanya « ivyera » n’ibitari ivyera », « n’ibihumanya » n’ibidahumanya ».🤔🤔😊😊muco mugishingo c’umwiza, bagashira ibirura mugishingo c’ibisosa, n’ibisosa mugishingo c’ibirura »!. 🤔🤔

👉🍁 « Izahabu » Ivyahishuwe 3:18 Izahabu ivugwa ngaha ni « Ingeso nziza » z’igiciro cinshi kandi zo mu mutima, zitari iz’umutwaro abantu biha ubwabo. Zirikana aya majambo: hari igihe tugira ingeso nziza ziboneka zitazanywe n’inkomezi za Kristo. Umururumbo wo kwishira hejuru, icubahiro no kwipfuza bivugwa n’abandi , hari igihe kumbure bituma tugira kubaho kwiza. Kwiyubaha kurashobora gutuma umuntu yigengesera ngo ntagereranwe n’abakora ibibi. Ariko naho twogira ubuhinga bungana gute, ubwenge , ubushobozi, n’inkomezi, ntitwoshobora kwihindura. Ariko ivyo birashoboza umuntu kwitonda mu bibonekera abantu, ariko ntivyoshobora guhindura kamere yo mumutima wiwe.  

👉 Mwene ukwo kugororoka kwo kurukoba , ukwo twambara nk’umutamana, ntikwemerwa n’Imana. Ni ukugororoka twironsa ubwacu. Imana Itugereranya n’impuzu yanduye , Yesaya 64: 6 havuga ngo:  » Kuko twese twahindutse nk’ibihumane , kandi ukugororoka kwacu kwose kumeze nk’impuzu yanduye; twese dukabiranye nk’ikibabi, kand’ibigabitanyo vyacu bidukubeba nk’umuyaga ». 😊😊

👉 Dukwiriye rero kugira » ukugororoka kwo mu mutima , tukaguhabwa n’uko twegereye Imana Ikatugabira mwene aya mahirwe afise agaciro gakomeye nkak’Izahabu. Yesu yavuze yuko iyo zahabu yo mu vya Mpwemu itunganirizwa mw’ihinguriro. Ukugororoka kwiza kwo mu mutima twokuronswa n’uko duciye magorwa no mu ngorane zikomeye, tukihangana ntitudohoke (Yakobo 1:2-4) , havuga ngo: » Mwiyumvire kw’arivy’ivyo kunezererwa rwose, bene Data, ni mwagwa mu bibagerageza bitari bimwe, mumenye yukw’ibigeza ukwizera kwanyu bitera ukwihangana. Arikukwihangana gukwiye guhingura igikorwa cakwo ngo mubone gutungana rwose muhinguwe , mudahajije na kimwe.

👉🍁 Ungureko « IMPUZU ZERA » Ivyahishuwe 3:18👇

👉Iyo « mpuzuyera » igereranwa « n’Ubugororotsi » Imana Iziga ku muntu. Ni Ukugororoka Imana Ironsa umuntu igihe yemeye ivyaha vyiwe mbere akavyatura.

👉 INGENE BIGENDA👇

Iyo umuntu acumuye, maze akababazwa n’icaha yakoze, akigaya, akiyuzuza n’uwo yagiriye nabi, akirega ku Mana, Imana Iramwambika ukugororoka Ikamwakira nkukw »atigeze gucumura. Ukugororoka kudashitse kugereranwa  » n’umwambaro » gusa kuko unyegeza « isoni z’ubwambure bwacu » (gukora nabi). Yesaya 61:10 havuga ngo: » Nzonezererwa cane Uhoraho , umutima wanje uvugirize impundu Imana yanje; kuko yanyambitse imyambaro y’agakiza , akansesa hejuru umutamana w’ubugororotsi , nkuk’umukwe ashazisha igitsibo , kandi nk’umugeni ashazisha utugenegene twiwe. 

👉(Zekariya 3:3-4 )naho havuga ngo: » Kandi Yosuwa yari yambaye impuzu z’ubuhoma , ahagaze imbere y’uwo mu Malayika. Uwo mu Malayika araheza abarira abamuhagaze imbere ati: Ni mumwambure izo mpuzu z’ubuhoma . Maz’abarira Yosuwa , ati Raba ngukuyeko ukugabitanya kwawe, kandi ngira nkwambike imyambaro ishajije.

👉🍁 Ungureko umuti wo gusiga ku maso ubone guhumuka Ivyahishuwe 3: 18 👇

👉 Ayo majambo yerekeza kuri wa muti « Collyre » abantu bi Lawodikiya bahora bakora. Uwo muti ugereranwa na « Mpwemu Yera » ariwe ashoboza umutima w’umuntu guhema no kumenya gutandukanya iciza n’ikibi ntibabe bagihagaze mu bujuju n’uruhumyi rw’ukutimenya.

👉 Mu buzima rukristo twotondesha izo nama muri ubu buryo: 

🍒 1. Dutangure kugira Mpwemu Yera. Ni twamara kwisiga umuti mu maso 👁, tuzoheza twimenye, twumve ko twizinutswe, maze duheze turabe uko Imana Ituraba, duhereko twihane.  

🍒 2. Tumaze kwihana, niho tuzoheza tugaharirwa, tukambikwa umwambaro w’ukugororoka kw’inyuma arikwo « kubabarirwa » no « guharirwa » ibicumuro twakoze.

Nitwihanganira anageragezwa, tukaramiriza, niho tuzotunganwa rwose gahoro gahoro gushika igihe Imana Izodushikanako ingeso za kamere kayo, imitima yacu igahinduka bimwe biboneka, igahimbara Imana nk’izahabu isayangana.

👉🍁 UGIRE UMWETE WIHANE, Ivyahishuwe 3:19 👇

👉 🍓Mbega hamwe tutoba turakira YESU neza mubuzima bwacu ngwabariwe abutegeka 100%, mbe ntitwobikora bicitwa uyu musi mugihe tumaze gusoma aya majambo?🤔

👉🍓 Mbe ntitwokugurura inzugi z’imitima yacu kugira ngo YESU ashobore kwinjira neza vyukuri?🤔

👉🍓 Yamariko aradodora ariko ntazokwamama arikwaradodora ibihe bidashira🤔

👉🍓Umuntu wese araronswa igihe c’ukwihana. Yugaye, abakoze icaha c’imyaka yose. 

👉🍓Ariko nitwakira Yesu vyukuri, Isezerano yasezeraniye ab’i Lawodikiya rizodushikako (Ivyahishuwe 3:21) havuga ngo: » Ehe mpagaze k’urugi ndaramukije, umuntu niyumva ijwi ryanje, akugurura urugi , ndinjira iwe, dusangire. 

👉🍓 Igihe cose tuzoba tutarihereza burundu Imana yacu, ntituze twitege kumererwa neza. 

👉🍓 Niko Izogucisha mu magorwa, iguteze ingwara, iguhane, ariko nukugira ngo urame. 

👉🍓Nimba uhanywe n’Imana, maze ukama ukekeranya, umenye yuko ivyo bigushikiye kubera Igukunda (Ivyahishuwe 3:19) havugango : » Abo nkunda bose ndabakankamira , nkabakangira ; nuko gira umwete wihane. 

👉🍓 Hazoshika igihe uvyipfuza ntubironke (Imigani 1:27-29) havuga ngo: » Agatengo kanyu kabafashe nk’igihuhuta, ivyago vyanyu bibazingazinze nk’agashururu, guhagarika umutima n’ubusinzikare bibashikiriye. Niho bazontakambira , ariko sinzobishura; bazondondera ubudahumeka ariko ntibazombona. Nuko kuko bagiriye urwanko ubwenge, ntibahitemwo kwubaha Uhoraho.

👉🍓 Igihe YESU azobagarutse, abantu benshi bazomurondera bagara bati: » Mwami, Mwami, ntitwavugushwa mw’Izina ryawe, ntitwasenda abadayimoni mw’Izina ryawe, ntitwakora ibitangaza vyinshi mw’Izina ryawe? Niho nzobajinjiburira , nti Ntaho nigeze mbamenya; mviraho , mwabakora ibizira mwe 🤔🤔 (Matayo 7:21-23)

IMANA ITUGIRIRE NEZA CANE. 

Icigwa c’uyu mugoroba kigarukiye aha. 

MUHEZAGIGWE CANE BARYANGO 😊👍🙏

MUGISHA Gabriëlla