MBEGA UMUHUZA BENJAMIN WILLIAM MKAPA YASHIKIRIJE IKI ABAKURU B’IBIHUGU VY’AKARERE KA EAC KU BIJANYE N’UBURUNDI !
Mu mitumba yose y’uburundi no mu makambi y’impunzi hanze y’igihugu hari abarundi benshi bipfumbereje biturutse ku rwimo rwatewe na Petero Nkurunziza n’akarwi kiwe. Abo nibo bagumye bashaka kumenya ijambo umuhuza Benjamin William Mkapa yashikirije abakuru b’ibihugu vy’akarere ka EAC.
None !Umuhuza Mkapa yamenyesheje iki abo bakuru b’ibihugu kuwa 20 Rusama 2017 ?
1. Umuhuza Benjamin William Mkapa yasavye abakuru b’ibihugu vy’akarere kwunvisha ubutegetsi bw’uburundi ko butegerezwa kuganira n’abo bose begwa n’ikibazo c’uburundi.Ibiganiro ngo bisa n’ivyahagaze kuko ubutegetsi bw’uburundi bukunda kwitorera abo bwoganira .Abo nabo bakaba ari ba somambike babwo. Yasavye akarere kwunvisha ubutegetsi bw’uburundi ko ibiganiro mu bisanzwe biba hagati y’abasanzwe barabana ribi,ntibiba hagati y’abacuditse .
2.Umuhuza Benjamin Mkapa, Yabandanije amenyesha abakuru b’ibihugu, ko Ubutegetsi bw’uburundi butegerezwa gufuta imitahe irondeza bamwe bamwe mu banyepolitike n’aho ubutegetsi bubagiriza gushaka gutembagaza ubutegetsi. Bwagiriza abatavugarumwe nabwo ko bwashatse gutembagaza ubutegetsi. Kuri bamwe nta vyemeza neza ko bari muri uwo mugambi , kandi wanashaka hari abari bakomeye mu nzego za leta ico gihe .
3.Muri iyo raporo nyene ,umuhuza Benjamin Mkapa yashikirije abakuru b’ibihugu vy’akarere, yabasavye kwunvisha ubutegetsi bw’uburundi ko bukwiye kuzana umwuka mwiza mu Burundi, kugira abanyepolitike bahunze igihugu batahuke ku gushaka kwabo ,abapfungiwe ivya Politike nabo barekurwe. Ubutegetsi bw’uburundi ngo bukwiye gutegura ugutahuka kw’impunzi kugira kube ku gushaka kwazo. Ivyo navyo ubwo butegetsi bwobifashanya n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ,hamwe n’ishami ryayo HCR rijejwe gutahukana impunzi.
4.Umuhuza Benjamin William Mkapa yabwiye abo bakuru b’ibihugu, ko Ubutegetsi bw’uburundi bwokwunvishwa bukareka imigambwe yose igakora amanama hamwe n’ibindi bikorwa vyayo ntibiboneke ko umugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD wonyene ko ariwo ufise ubwo burenganzira.
5.Yabasavye kandi ko abafashe ibigwanisho boshirwa mu mugambi w’amahoro, mu kwirinda ko baba intambamyi ku mutekano mugihe ibiganiro vy’amahoro vyoba vyagize intamwbwe .
6.Umuhuza Benjamin William Mkapa ,yamenyesheje ko ibiro vyiwe ,muri uwo mugambi w’amahoro,bifise ingorane z’uburyo .Yibukije ko kugeza ubu, uburyo ibiro vy’umuhuza bikoresha mu manama atandukaniye , butangwa n’ibihugu vya Buraya hamwe n’igihugu c’ubushinwa. Yasavye ko ishirahamwe ry’akarere ryofata ico kibazo c’uburyo mu minwe,gurtyo nawe agashobora kwigenga mu kurangura imirimo yiwe.
7.Yarangije asaba ko Umunyamabanga Mukuru w’ishirahamwe ry’ibihugu vy’akarere, ko yokwirinda kwama asohora amabanga .Birashika ko inzandiko aba yahawe mw’ibanga, kizira ko zija mu ruhande urwarirwo rwose rw’abahanganye, usanga zarenze imirambi.