Burundi: Umuvugizi w’umugambwe MSD ariyamiriza amasanamu y’abana baririmba indirimbo z’ivyabaye muri kahise 

Umuvugizi w’umugambwe MSD ariyamiriza amasanamu y’abana baririmba indirimbo z’ivyabaye muri kahise 
Mw’itangazo umuvugizi w’umugambwe MSD yashize ahabona amenyesha ko ayo masanamu yerekana ko ata mugambi umugambwe uri ku butegetsi ufitiye urwaruka atari kubigisha ingene bosambura igihugu kandi babigishije kugira baronke ico bakora.

Muri iryo tangazo,umuvugizi w’umugambwe MSD asaba amakungu kuva mu gacerere arimwo,no gukurikiranira hafi ibibera mu Burundi.

Ku bijanye n’abanywanyi b’umugambwe MSD BANGIRICENGE Leo na Remy NDAGIJIMANA banyurujwe,umuvugizi w’umugambwe MSD Epithace NSHIMIRIMANA amenyesha ko bafise amakuru yo kwizerwa ko bamaze kwicwa ariko ko ikibabaje ari uko atawushobora no kuronka ibiziga vyabo.