Ubuhanuzi: Ivyo Uhoraho yasezeraniye ihanga ry’abarundi ntibitevye gusohozwa. Menya icambere.

HACIYE IGIHE MW’IHANGA RY’ABARUNDI HATANZWE UBUHANUZI BUVUYE KUBAHANUZI BATANDUKANYE, BOSE BAJE BASHINGIRA INTAHE IVYO UHORAHO AGABIRIYE GUKORA NDETSE AKABA AJA YARAMAZE gutangura GUHANA, kubari mu Burundi no hanze yabwo barabizi.HACIYE IGIHE MW’IHANGA RY’ABARUNDI HATANZWE UBUHANUZI BUVUYE KUBAHANUZI BATANDUKANYE, BOSE BAJE BASHINGIRA INTAHE IVYO UHORAHO AGABIRIYE GUKORA NDETSE AKABA AJA YARAMAZE gutangura GUHANA, kubari mu Burundi no hanze yabwo barabizi.

Intambara y’Igihano c’Imana ku burundi na barundi iyo bari hose, barabwiwe uburyo izoba imeze, ariko benshi bayitahuye kwari intambara nkizindi ntambara zihasanzwe ziba hirya no hino ariko bibagira yuko Imana ariyo ivyagurutse ngo ibangure Ukuboko kwayo itumbereze igitsure cayo kubagenewe guhwana n’Inkota yayo bitandukanye n’Intambara iba itejwe na Satani.

Hano hariho Igice kirimwo uburyo Bune butegekanijwe kubantu, Kandi abari mu Bihugu biri hafi y’Uburundi,na kure yabwo, no mu Burundi hari Icago kimwe muvyago 4 camaze gushirwa mungiro igihe gihaciye ndetse gikomeje gukomerera abakigenewe IKIGOYI.

Iyo ntambara ya KIGOYI benshi ntibayitayeho kwiri muvyago 4 vyagerewe ababigerewe ba barundi, benshi bashize imitima kuntambara yavugishijwe abantu aho bazoba bapfa, ariko Imana isohoza kimwe kimwe kukindi, rero intambara benshi barindiriye kugira bemeze kw’Ubuvugishwa bagiye bararonka ari Ubwukuri canke ari Ubw’Ibinyoma Iraje, nkuko imitima yabo Imana yamaze kuyigera ikabona koko kwarivyo bahahamiye nubwo benshi muribo bazomera nka MOSE, igihe yakora icaha Imana ika mwankira kwatazoshikana ubwoko bwayo mugihugu c’Isezerano, aho ya duganwa kumusozi arerekwa ico gihugu c’Isezerano maze Imana ica iramwica, benshi niko bagiye kumera bazobona ivyo bashatse kubona ngo bibabere icemezo ko bwari Ubwukuri ariko Imana yararahiye Uguhoraho kwayo ntabwo bazogishikamwo.

Inkota yo kwica, n’Imbga zo gutabagura, N’Ibisiga vyo mu kirere ni bikoko vyo kw isi vyo gutsontsomera no gutikiza, abantu bagerewe.

Abafise za bibiliya mwosoma muri Yeremiya15:1-4. Umwe wese akiraba ko akwije ibisabwa kuzokinjishwa nubwo buryo Bune bwemejwe n’Imana. Amen.

2 réflexions sur “Ubuhanuzi: Ivyo Uhoraho yasezeraniye ihanga ry’abarundi ntibitevye gusohozwa. Menya icambere.

  1. Ndashima cane kunyigisho n’ubuhanuzi muturungikira buradufasha kandi buratwigisha vyukuri ndashima Imana kuvyo ikorera abana bayo,Hama jewe ndasavye munterere amasengesho mfise ikibazo kidasanzwe ntegura kugira ubukwe ariko aho nari nemerewe uburyo bwo gutegura urubanza rwacu vyahindutse giturumbuka kandi imisi yegereje maze imisi nsenga Imana ngo impezagize inzira yo gukemura ibibazo,muranterere amasengesho ndaremerewe mumutima vyukuri hama Imana ibongere inkomezi mugikorwa cayo

    J’aime

Les commentaires sont fermés.