Inamanshingamateka y’Uburundi irashigikiye ihinduka ry’ibwirizwa nshingiro.

Mw’ijambo yashikirije mw’iyugururwa ry’ivyo bikorwa, Pascal NYABENDA, umukuru w’inama nshingamateka y’Uburundi yamenyesheje ko inama nshingamateka ishigikiye ihinyanyurwa ry’ibwirizwa shingiro ry’Uburundi, kugira rijane n’ivyipfuzo vy’Abarundi.
Pascal NYABENDA yashimiye umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA aheruka kugena abagize umurwi woshikiriza ingingo zohinyanyurwa mw’ibwirizwa shingiro. Yasavye abagize uwo murwi ko bokorera ku vyasabwe n’Abarundi.

Umurwi ujejwe kwerekana ingingo zohinduka mw’ibwirizwa shingiro ry’Uburundi ugizwe n’abantu 15 bafise ikiringo c’amezi atandatu yo gukora, ayo mezi agashobora kwongerwako amezi abiri, ariko mu gihe babisavye indwi imwe gusa imbere y’uko ikiringo c’amezi atandatu bafise gihera.