Kayanza : Abanyarwanda umunani bahanishijwe umunyororo w’imyaka cumi 

Abo banyarwanda bagirijwe kandi ko binjiye ku butaka bw’Uburundi batabisabiye uruhusha, bakaba baje biyongera ku bandi bagera kuri 12 bapfungiwe mw’ibohero rikuru rya Ngozi, nabo nyene bakaba bafashwe bariko bagerageza kwinjiza mu kinyegero ikwa y’Uburundi, bayitwaye mu gihugu c’Urwanda.
Tubamenyeshe ko hari iyindi modoka yafatiwe i Muyinga iriko igerageza kwinjiza muri Tanzaniya amatoni agera kuri 26 y’ibiharage. Uwariko yunguruza iyo modoka yahanishijwe umunyororo w’imyaka itanu, iyo modoka nayo igirwa iya Reta y’Uburundi.

Sentare nkuru y’i Muyinga yafashe kandi ingingo ko ivyo biharage vyagira vyinjire muri Tanzaniya bizoca bihabwa abatishoboye.