« Abarundi benshi aho kurima bararimarima maze bagafasha uwo bita ngo bariko baragwanya. »Raba ibibera muri FOREBU

UKUTAMENYA KW’ABIYITA KO BAGWANYA NKURUNZIZA, KUZOTUMA BASANGA BARAMUFASHIJE KWIGUMIZA KU BUTEGETSI! 07/06/2017Barayamaze bati: »Abanyabwenge babiri,bokeje inyama,bayirya idahiye! »

Si uko bataba bamenye ko idahiye,ahubwo ni uko ubwo bwenge bwabo babushira mu kuryaryana,aho kubushira mu kwotsa ya nyama ,ihwane neza!

Ivyo nivyo biriko bishikira abarundi bamwe bamwe biyita ko bagwanya #PETERO_NKURUNZIZA, aho gushira inguvu n’ubwenge vyabo hamwe ngo baheshe iteka igihugu cabibarutse mu kugitabara ,bagikura mu menyo y’ibinyamushinya,ahubwo izo nguvu n’ubwenge babikoresha mu gutegana imitego n’ukuryaryana iyo bari mu gahinga!

Akaba ata kindi amakungu abibonamwo,atari ukuba :

UBURUNDI BWARAHENEYE IMBARIRO mu kwibaruka abarundi nk’abo,bafise ubwenge ,bagashobora n’uguteza imbere ibihugu vyo mu mahanga binini ,ari navyo bibahaye indaro,yamara bikabananira gukiza agahugu kabo gatoyi nk’UBURUNDI!

Ari nayo mpamvu amakungu agira ati: « Ntawotabara abashoboye kwitabara, badashaka kwitabara! »

MUTI : »NONE ABO NI BANDE BADASHAKA GUTABARA BENEWABO,BABISHOBOYE? »

Ku wibuka vuba,uruganda rwa #HUMURA_BURUNDI,twarabayagiye ukunyinyurana kwari hagati y’umuhari wiswe #FOREBU_MBOHOZAGIHUGU witiriwe #GENERAL_GODEFROID_NIYOMBARE ubwiwe atemanga ,

Uwu muhari ,nk’uko twabisubiyemwo kenshi ukaba utandukanye na #FOREBU nyezina iri ku rubuga rw’intambara ,aha ntituharandira,

Vyumvikana ko hari amazina abiri (2) ya FOREBU zitandukanye!

Iyi rero yitirirwa #GODEFROID_NIYOMBARE,ikaba igwiriyemwo abanyagihugu basanzwe(#CIVILS), n »ABASIRIKARE badashaka kuja kurubuga.

Aba bacivils rero muti babayemwo benshi kuki?

Ni uko bitwaje ko bafise uburyo(amafaranga),bibatuma biganza,bakagira ijambo kurusha intwazangabo ziri muri uwo muhari,

Ibintu vyarayangaye gushika aho abo bacivils,aribo basigara bafata ingingo,intwazangabo zikazishira mu ngiro!

Muti : »Ubwo buryo(amafaranga) yatumye abacivils aribo bategeka abasirikare bwari uburyo nyabaki? »

Ni uburyo ahanini wasanga aribwo butunze izo ntwazangabo,aho zatse indaro mu bihugu bimwe bimwe bahungiyemwo,vyaba ivyo mu karere,canke kure yaho gato,

Muri make ni ukuvuga ko abo bacivils bari muri uwo muhari wa #NIYOMBARE,vyitwa ko aribo batunze izo ntwazangabo,bikazituma nazo zitagira ijambo imbere y’abo bazitunze,kuko akenshi iyo izo ntwazangabo zifashe ingingo itanezereye abo bacivils ariko ifashwe ku nyungu z’uwo muhari,abo bacivils barayivuguruza,intwazangabo zigapfana ishavu n’ubwoba,zikanuma!

Mu misi iheze ,nk’uko amakuru adushikira abivuga,GODEFROID NIYOMBARE yoba yaratanguye kwihagararako nk’intwazangabo ,asa n’uwutacumvira abo bacivils,kuko bamutegeka gusohora ijambo,yifatira mu gahanga abari ku rugamba muri FOREBU yindi twababwiye,nawe arabihakana,avyamirira kure,

Abo bacivils baca bakorana n’izindi ntwazangabo zari zisangiye uburongozi na NIYOMBARE, baramutembagaza babicishije mu nzandiko(messages) zica kuri WHATSAPP , nk’uko nyene bamugenye biciye muri izo nyandiko zica kuri #WHATSAPP,bamukura ku burongozi bw’uwo muhari FOREBU-MBOHOZAGIHUGU usanzwe ukorera kuri #WHATSAPP gusa !

Ico gihe harabaye ugucanamwo gukomeye,ku buryo n’imigwi(GROUPES) z’ubuhinga ngurukanabumenyi bwa WHATSAPP bari basangiye,bamwe bayivamwo baja gushinga iyindi,mu bagiye na NIYOMBARE akaba yararimwo,akavuga ko azotanguza urugamba ukwiwe,abamushigikiye bakazomusanga iyo aroye!

MUTI : »NONE ABO BACIVILS BAGISIBIJE ,BISHIMIRIJE UDUFARANGA TWABO NI BANDE? »

Ahanini bagizwe n’ababa mu bihugu vya BURAYA,bagatangira amategeko ku materefone ,ivyo bategura bakabitegurira mu migwi yabo ya WHATSAPP,

ARIKO RERO AKABIRYA KAKAYICA N’UMURYA ,NI UKO AMAKURU DUKURA MURI BAMWE MU BAGIZE AKO KAGWI K’ABACIVILS,HOBA HARIMWO IKIBAZO C’AMACAKUBIRI CINYEGEJE INYUMA Y’UKO GUKUMIRANA!

Ako kagwi kakaba gahagazwe kw’isonga na:

#EDVINE_NIYUKURI,

#MARIE_ANGE_KANYANGE,

#OLIVIER_NKURUNZIZA,

Nk’uko ari batatu(3),bakaba ari umuryango,kuko:

#EDVINE ni umucance wa #MARIE_ANGE,

Nayo uwo #OLIVIER akaba ari mwenewabo n’uwo EDVINE,

Bakaba bose baba mu gihugu c’#UBWONGEREZA!

Aya mazina 3,niyo ari kw’isonga ry’abateza akaguma n’akajagari mu muhari FOREBU-MBOHOZAGIHUGU wakukira NIYOMBARE, bakaba ari nabo bakoze hasi hejuru,kugira GODEFROID NIYOMBARE abogozwe,

Abo bacivils bakaba babikoranye n’intwazangabo zibiri:

#GENERAL_EDUARD_NIBIGIRA,

#GENERAL_PHILBERT_HABARUGIRA,

Mw’ibanga,uza gusanga abo bose bari muri ivyo bikorwa,bari mu bwoko bw’#ABATUTSI,bakaba bariko barakumira mu kanywababu zina muhutu wese ari muri uwo muhari wahora urongowe na NIYOMBARE !

Abo bacivils rero bamaze gusambura FOREBU-MBOHOZAGIHUGU yahora irongowe na NIYOMBARE GODEFROID bakayimanyuramwo 2,imwe bagashaka kuyigira iy’ABATUTSI gusa,

Bahavuye biyumvira uko boja kudurumbanya yayindi FOREBU irikurubuga babicishije mu matangazo!

Abo biyita ABATUTSI B’IMENA,bakaba bararondeye aho bamenera, bipfuza ko iyo FOREBU yoyo ifise ingabo hirya n’ino mu gihugu,nayo boyigarurira,maze bagaca bayihomeka kuri yayindi bamanyuye kwa NIYOMBARE,

Niho basanga bomenera kwa #EDUARD_NSHIMIRIMANA kuko we ari umututsi,bakaba babona ko ariwe yoborohera kwumva umugambi wabo,

Maze akabafasha kurobanura abatutsi bari muri iyo FOREBU ,bakabajana kubunga kuri yayindi,

Nk’uko amakuru dukura mu begereye ako kagwi k’abacivils abivuga,

Hoba harabaye n’amanama akomeye,yarimwo incabwenge ziyemera z’abatutsi bavuye mu bihugu vya BURAYA,bagizwe n’abarimu muri za kaminuza z’i BURAYA(PROFESSEURS),baje kugira bumvishe n’ibihugu bimwe bimwe vy’akarere kubashigikira,bagakora umuhari mushasha bonkoye muri za FOREBU 2,bakawitirira ubwoko bw’ABATUTSI ,ukagira icivugo kigira giti: « TUTSI POWER » (INGUVU Z’ABATUTSI)!

Ivyo bihangange vy’ABATUTSI (nk’uko biyita),bakaba ari n’incabwenge,

Bamaze gusanga FOREBU-MBOHOZAGIHUGU yahora irongowe na NIYOMBARE yakunze kuba mu mpapuro,itigeze igira abagwanyi ku rubuga,

Izo ncabwenge zaciye zifashanya na za ntwazangabo 2 twababwiye haruguru,baja guhuvya EDUARD NSHIMIRIMANA, zimwereka ko ataco azoshikako niyaguma muri FOREBU nyayo ivanzemwo ubwoko bwose,ko ahubwo azoronka ijambo niyiyegereza iyo igizwe n’ubwoko bumwe bw’ABATUTSI ,

Ariko baca bamusaba ko yobaronderera UMUHUTU 1 mu bahora bizewe muri FOREBU nyayo,bakazomugira umukuru w’igihugu w’imfatakibanza,kugira abahutu nabo babone ko baserukiwe,ntibahave babagwanya,ariko itsitso ari ABATUTSI gusa!

Niho EDUARD NSHIMIRIMANA yinyavya,akabikoza intwazangabo y’ahoze muri #FDD yitwa #JEREMIE_NTIRANYIBAGIRA,abenshi batazira #NYENYENYE,yari mu bashigikiye FOREBU nyayo ,amwiganira inkuru y’ukuntu vyateguwe ko azoba umukuru w’igihugu w’imfatakibanza,nawe aramwiyamiriza, amwereka ko ikumuraje ishinga ari ukwomora NKURUNZIZA PETERO atari ukwiha ibibanza udahawe n’ABANYAGIHUGU!

UMUGAMBI umaze kubankira, niho abo biyita incabwenge z’abatutsi baca batanga itangazo ku bantu babo bakoresha mu bandika amakuru ku mbuga ngurukanabumenyi ,za #FACEBOOK na #WHATSAPP ko uwitwa EDUARD NSHIMIRIMANA na JÉRÉMIE NTIRANYIBAGIRA batazira NYENYENYE bagira biyunge,mu gukorera hamwe,

Kugira abasirikare bari ku rugamba bibasobe,maze bahave bacanamwo,

Kakagwi karonke aho kamenera,

Ariko mu vy’ukuri ni ikinyoma cambaye ubusa,

Umutego wa kabiri wari watezwe n’izo ncabwenge z’abatutsi ziyise « TUTSI POWER », ukaba wari uwujanye n’ukwumvisha amakungu ko ibiriko bibera mu Burundi, ari #IHONYABWOKO(GÉNOCIDE),iryo naryo rikitirirwa ABATUTSI,bisigura ko ata MUHUTU yahitanywe n’ikiringo ca 3 ca PETERO NKURUNZIZA,

Yamara amakungu akaba avyamirira kure,kuko ubwayo adakorera ku vyegeranyo bikozwe n’abarundi ahubwo yoyo afise ubuhinga bwayo bwo gutohoza inkuru abicishije ku bayaserukira bari ngaha mu BURUNDI no ku bahinga bakunze kuza gukora ivyegeranyo mu gihugu,

Ico gihe uwo mugwi w’abacivils biyita incabwenge z’abatutsi ,bakaba bashaka ko iryo HONYABWOKO RYOKWITIRIWE ABATUTSI,aryo bokoresheje mu kwumvisha abahuza mu matati y’abarundi ,ni ukuvuga #MUSEVENI na #MKAPA ,bakabashigikira,maze uwo muhari w’abatutsi ukazotaha mu gihugu biciye mu biganiro,usumvya inguvu umuhari #CNDD_FDD wazananye mu Burundi uvuye mw’ishamba,

Bagaca bahabwa ibibanza bikomakomeye mu gihugu muri yareta mfatakibanza bateguriye mu nama,

Amatwi adusumira bakaba bari bahejeje n’ukuyigabangana mu nama bakoreye mw’ihoteri bari bashikiyemwo,hagati y’incabwenge 14 zifise ijambo ku rusha abandi!

Iyo mitego yose ikaba yaranse kuko ,ingabo za FOREBU ziyamirije uwo muzo w’AMACAKUBIRI mu muhari wabo, 

Baka rero bariko bategura kudurumbanya baciye hasi hejuru ABARUNDI, babicishije mu matangazo bimirije gusohora avuga ko ari inzego zishasha z’umuhari FOREBU nazo zikazoba zitonze uku :

1- UMUKURU W’UMUHARI FOREBU : EDVINE NIYUKURI.

2- ICEGERA C’UMUKURU W’UMUHARI : NTIRANYIBAGIRA JEREMY 

3- UMUKURU W’INGABO : LT COL EDOUARD NSHIMIRIMANA .

4- ICEGERA C’UMUKURU W’INGABO : GENERAL PHILIBERT HABARUGIRA.

5- UMUVUGIZI : GENERAL EDOUARD NIBIGIRA .

Yamara tukabibutsa neza ko : UMUHARI FOREBU NYAWO ATA NDOGOZI N’IMWE URATANGAZA GUSHIKA UBU!

Ukuba nawe wiyamiriza amacakubiri mu rugamba rw’abarundi urasemerera.