Mutimbuzi : Umunywanyi wa Agathon RWASA yahagaritswe

Mutimbuzi : Umunywanyi wa Agathon RWASA yahagaritswe 
Aime MAGERA avugira umugambwe FNL urongowe na Agathon RWASA amenyesha ko mu mugambwe FNL batazi aho BUHUNGU Alexis apfungiwe kandi batinyirira umutekano wiwe.

Umuvugizi w’umugambwe FNL urongowe na Agathon RWASA amenyesha ko BUHUNGU Alexis yari asanzwe ari mu bigisha umugambwe,akaba yari asanzwe aba ku mutumba wa Kirekura uri muri Komine ya Mutimbuzi yo mu ntara ya Bujumbura Rural.

Amakuru ava mu begereye umushingamateka RWASA Agathon amenyesha kandi ko umwe mu bajejwe umutekano wiwe, umupolisi azwi kw’izina rya NGENDAKUMANA Jean Claude,akaba apfunzwe kuva kuwa mbere igenekerezo rya 4 Ruheshi 2017.

Umuvugizi w’umugambwe FNL urongowe na Agathon RWASA amenyesha ko umupolisi NGENDAKUMANA Jean Claude yahagaritswe kuwa mbere igenekerezo rya 5 Ruheshi 2017.