Ubutegetsi bw’u Burundi buguma buvuga ko hari ivyegeranyo bufise « vyerekana ko umuryango w’ibihugu vy’Ubumwe bwa Buraya wipfuza ko ubutegetsi buhinduka mu Burundi ».

Ubutegetsi bw’u Burundi buvuga ko hari ivyegeranyo bufise « vyerekana ko umuryango w’ibihugu vy’Ubumwe bwa Buraya wipfuza ko ubutegetsi buhinduka mu Burundi ».Leta y’u Burundi yagiriza umuryango w’ibihugu vy’Ubumwe bwa Buraya (UE) ko wagerageje ngo urabe ko ubutegetsi bwohinduka imbere y’indyane za politike zo mu 2015.

Umuvugizi wa leta yavuze ko ifise ivyegeranyo vyerekana ko ubuserukizi bwa UE bwahaye imfashanyo y’amahera abantu bashaka guhungabanya u Burundi.

Ntiyavuze inkuru irambuye ku vyari muri ivyo vyegeranyo.

Umuryango UE wamye widogera leta ya Pierre Nkurunziza.

Mu 2015, ingingo yafashe yo kwitoza ku kiringo ca gatatu, yatumye igihugu cinjira mu ndyane za politike zirimwo ukugerageza guhirika ubutegetsi.