Abantu batanu harimwo indongozi mu mugambwe MSD baridegemvya inyuma yaho bafatiwe ku bunywero Open Sky buri muri zone gihosha haraheze iminsi itanu.

Abantu batanu harimwo indongozi mu mugambwe MSD baridegemvya inyuma yahoo bafatiwe ku bunywero Open Sky buri muri zone gihosha haraheze iminsi itanu.
Abo bari bafashwe ni Agathon NIMPAYE umwe mu ndongozi z’umugambwe MSD akaba n’umwigisha kw’ishuri rya Mutima Mweranda,umukjozi wo mu bunwero Open Sky,umukozi wo mw’ishirahamnwe REGIDESO hamwe n’abandi bahungu babiri.

Bose bari bafashwe kw’igenekerezo rya 31 Rusama 2017 inyuma y’isakwa ryabaye aho mu Gihosha baca bajanwa gupfungirwa mu gasho k’igendereza.

Agathon NIMPAYE yarekuwe kuwa mbere amaze iminsi itanu apfunzwe,abandi bane barekuwe kuwa gatatu igenekerezo rya 7 Ruheshi 2017,inyuma yaho baravye mu materefone ngendanwa n’inyabwonko basanze atacotuma bafatwa nk’inkozi z’ikibi.