Ibiciro vyumuyagankuba bigiye kuduzwa.

Umushikiranganji w’amasoko ntanganguvu amenyesha ko ibiciro vy’umuyagankuba bigiye kuduzwa, kugira abakenera uwo muyagankuba bashobore kuronka ku rugero rukwiye. Aho ni mu gihe ubukene bwawo bwibonekereza, cane cane mu gisagara ca Bujumbura.
Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru kuri uwu wa gatatu, Come MANIRAKIZA, umushikiranganji w’amasoko ntanganguvu yamenyesheje ko Reta y’Uburundi yafashe ingingo y’ukuduza mu kiringo ca vuba ibiciro vy’umuyagankuba, ariko akizeza ko ivyo biciro bidugijwe, abarundi bazoca basezerera ibijanye n’ugukuranwa mu kuronka umuyagankuba (Delestage).

Abakora ubuzi bukenera umuyagankuba mu gisagara ca Bujumbura baridogera ishirahamwe REGIDESO ridandaza umuyagankuba ko rikoresha « nkunzi » mu gutanga uwo muyagankuba, kuko hari amakaritiye awuronka umwanya urume rumara. Iryo shirahamwe ryidogerwa kandi ridatanga urutonde rw’ingene ugusabikanya umuyagankuba gutunganijwe, kugira abawukenera bamenye ingene bakora.