Igitigiri c’abantu bikekwa ko bafashwe na kolera yadutse i Yemeni kirenga 100000 nkuko ishirahamwe ryitaho amagara y’abantu, OMS ryavuze.

Igitigiri c’abantu bikekwa ko bafashwe na kolera yadutse i Yemeni kirenga 100000 nkuko ishirahamwe ryitaho amagara y’abantu, OMS ryavuze.Abantu bashika 798 nibo bapfuye kubera iyo ngwara mu ntara 19 kuri 22 kuva itariki 27 z’ukwezi kwa kane.

Ikigo gitanga imfashanyo Oxfam kivuga ko ico kiza gihitana umuntu umwe kw’isaha.

Igisata c’amagara y’abantu, ic’amazi be n’icerekeye isuku ntibikora inyuma y’ingwano y’imyaka ibiri hagati y’inteko za leta hamwe n’abagwanyi bo mu muhari Houthi.