Onu ivuga ko kugaba ibitero ku basivile n’ibigirankana bifatwa nk’icaha co mu ngwano.

Onu ivuga ko kugaba ibitero ku basivile n’ibigirankana bifatwa nk’icaha co mu ngwano
Icegeranyo ca Onu kivuga ko abasivile 231 bishwe n’umugwi wiyita Leta y’iki Islamu « Islamic State » (IS), bagerageza guhunga bava Mosul muri zino ndwi zibiri.

Niburiburi 204 ngo birazwi ko barashwe bakicwa n’abagwanyi, igihe bari bahanganye n’inteko za Iraki mw’ikomine ya Shifa ku minsi ya kane no ku wa gatandatu.

Onu ivuga ko habaye ubwicanyi bw’ikirenga ico gihe.

Hari amakuru avuga ko abasivile bari hagati ya 50 na 80 bishwe mu bitero vy’indege mu karere ka Zanjili, itariki 31 z’ukwezi kwa gatanu.

Inteko zikorana n’ubutegetsi zaragavye igitero co kugaruza Mosul mu kwezi kw’icumi, zifashijwe n’inteko mpuzamakungu zirongowe n’iza Amerika.