Igitero c’umwihevyi cahitanye 30 muri Iraki

Igitero c’umwihevyi cahitanye 30 muri IrakiMu kwezi kwa 12 mu mwaka uheze igitero co kw’isoko cahitanye abantu 28

Umukobwa yiturikirije mw’isoko ry’ahitwa Kerbala hafi y’igisagara ceranda c’aba Shia, yahitanye abantu 30, umugwi wa leta y’iki Islamu « Islamic State » (IS) ukaba wemanze ico gitero.

Umugwi IS umaze igihe uhama imiryango y’aba Shia bo muri Iraki, ubagiriza ukwemera guke.

Uwo mugwi waragwije ibitero ku basivile mu bisagara binini binini vya Iraki mu gihe uguma utakaza bimwe mu bibanza wigaruriye, ikirindiro cawo gikuru ca Mosul naco nyene kikaba gishobora gufatwa vuba.