Abantu benshi baba abari munzego za Leta canke abari mu nzego zabikorera utwabo mu Burundi birashika ntibatahure uturimbi n’ububasha uyu n’uriya bafise. Ikindi badahuta baramenya ni uko amatela arunganijwe. Akarorero , Leta yi Bujumbura yitwara nka Leta yigihugu kiri muntambara mugabo hariho abatabibona bagaca bisamaza.
Abashingamateka bayoboka Agathon Rwasa basavye kugira ikiganiro bita conférence publique baca barakivuganga kandi batararonka uruhusha bibagira yuko naho ari abashingamateka batari bitavye amatora, bibagira kandi yuko naho basasa mu nama shingamateka ata mugambwe canke umuhari bafise wemewe n’amategeko ari naco gituma ataburenganzira bohabwa bwo kugira ico kiganiro keretse babanje guserereka.
Mw’ikete umukuru w’igisagara ca bujumbura yabarungikiye yerekanye imvo zituma badashobora kuronka ubwo burenganzira.
Umuvugizi wano nabo kukutamenya ikibanza bafise nuko bitwa yerekanye yuko agashavu kaniga mukwandika kubuhinga ngurukana bumenyi ati: » Itangazo:
Nkuko tubibonye mw’ibaruwa ry’umukuru w’igisagara yandikiye umukuru w’urunani « Amizero y’Abarundi » , umukuru w’igisagara ca Bujumbura ategeka igipolisi n’imbonerakure gukora ibishoboka vyose ngo ikiganiro gitegekanijwe ejo kiburizwemwo. Aho tukibaza ukuntu cndd fdd itunganya, igatanga uburyo, ikararika n’imbonerakure mu biganiro umugaragu Banyikwa akoresha! Ico mwomenya, nuko ubwo butegetsi bwahiyo coba kuburyo kuva ejo ikete ryo kumenyesha ivyico kiganiro, ryanditswe, Ndayishimiye na Ntakarutimana batabajwe na Banyikwa bagumye bakora inama zurutavanako. Ariko rero, urugamba rwa politique rurabandanya. Ivyari kuvugirwa muri ico kiganiro c’akamarampaka muzobimenyeshwa vuba cane. Iyibize nabi uyima ifu. Démocratie iraroka Nkurunziza n akarwi bari kumwe. Tuzokwama turwanira agateka k’Abarundi gushika Uburundi bubaye ubw’Abarundi bose kandi bugasubizwa iteka.
Ubugabo burihabwa
Tugire Fnl
Aimé Magera/Umuvugizi/Fnl » Hamwe bitwa amizero y’abarundi ahandi bakitwa FNL .