Muramvya : Bane bagirizwa kurima urumogi baciriwe urubanza
Sentare nkuru y’intara ya Muramvya yaciriye urubanza abagabo batatu bafatanywe imirima y’urumogi.
Uko ari batatu bose baciriwe gupfungwa imyaka 2 no kuriha ihadabu y’amafaranga 200000 vy’amarundi ,mu gihe uwakane yagirizwa gukorana nabo yaciriwe gupfungwa umwaka umwe no kuriha amande y’ibihumbi mirongo itanu.
Abo batatu bari bahagaritswe kuw’Imana igenekerezo rya 4 Ruheshi 2017 bafatanywe ibiti 573 vy’urumogi ,imbere yuko bajanwa gupfungirwa mw’ibohero rikuru ry’intara ya Muramvya.