RD Congo: ONU yasavye ko hoba itohoza mpuzamakungu kw’ihonyanga ry’agateka ka kiremwa muntu mu ntara ya Kasai muri 

Uwurongoye ishami rya Onu rijejwe agateka ka zina muntu Zeid Ra’ad al-Hussein yasavye ko hoba itohoza mpuzamakungu kw’ihonyanga ry’agateka ka kiremwa muntu mu ntara ya Kasai muri Repubulika Iharanira Intwaro rusangi ya Congo (RD Congo).Yahaye leta ya Congo isango ntabanduka ryo gukorera hamwe na Onu iryo tohoza, ariko rikaba ryararenze.

Mu mezi aheze, Onu itohoza, yaraguye ku binogo 40 vyhambwemwo abantu ikivunga, ariko ikavuga kw’ico gitigiri gishobora kuba kiri hejuru kurusha aho.

Harabaye ingwano ikomeye mu karere ka Kasai, hagati y’inteko za leta n’abagwanyi b’umugwi Kamuina Nsapu, kuva mu kwezi kw’umunani mu mwaka uheze.

Onu ivuga ko yaronse amakuru avuga ko vyinshi muri ivyo binogo vyimbwe n’abasirikare ba leta.