Bujumbura:Intwazangabo mu giporisi, OPP1 Philippe MINANI yarashwe na bagenziwe babiri muri quartier ya Gasekebuye,iri muri zone Musaga.

Intwazangabo mu giporisi, OPP1 Philippe MINANI yarashwe na bagenziwe babiri muri quartier ya Gasekebuye,iri muri zone Musaga, Komine Muha mu bumanuko bw’igisagara ca Bujumbura.
Amakuru ava mu begereye ahabereye ubwo bwicanyi amenyesha ko, hari nk’igihe c’isaha zibiri n’igice z’ijoro ryo kuwa gatanu igenekerezo rya 9 Ruheshi 2017, igihe OPP1 Philippe MINANI yinjira mu kirindiro c’abaporisi kiri mu nzu ikiriko irubakwa, kw’ibarabara ryitiriwe Buki (Avenue BUKI).

Ayo makuru nyene amenyesha ko inyuma y’umwanya muto, uwari hafi yaho yumvise urwamo aca yibaza ko boba bariko bashwana kubera banyoye inzoga, ariko mu nyuma yumvise inkoho baca bamubwira ko ari OPP1 Philippe MINANI ahejeje kuraswa kandi yitavye Imana.

Ku kirindiro c’abapolisi aharasiwe OPP1 Philippe MINANI

Umuvugizi w’igiporisi Pierre NKURIKIYE abicishije ku rubuga rwiwe rwa Twitter yemeje ayo makuru, aho yavuze ko OPP1 MINANI Philippe yishwe isaha zibiri n’igice z’ijoro mu Gasekebuye, kandi abaporisi babiri bamurashe bamaze gufatwa.