Inama nshikiranganji y’Uburundi yashizeho umurwi ujejwe kwiga ivyohinduka mu nteguro y’itegeko rijanye n’ukugenzura itangazamakuru mu Burundi. Uwo murwi wahawe amezi abiri y’ugukora, wereke Reta y’Uburundi ivyohinduka muri iyo nteguro y’iryo tegeko.Reta y’Uburundi imenyesha ko itegeko rishiraho urwego rujejwe gukurikirana uguhanahana amakuru rikwiye gusubirwamwo kugira ingingo zimwe zimwe zaryo zijane n’igihe isi igezemwo mu buhinga bwa none bw’ugutumatumanako.
Umuvugizi wa Reta y’Uburundi amenyesha ko iyo nteguro ije mu ntumbero yo gushira ibisata bishasha mu rwego rujejwe uguhanahana amakuru, hamwe n’amakuru ashikirizwa hakoreshejwe imbuga ngurukanabumenyi, hamwe n’igisata c’amareresi.
Iyo nteguro ivuga kandi ibisabwa kugira umumenyeshamakuru ahabwe ikarata iranga umwuga wiwe.
Firipo NZOBONARIBA, umuvugizi wa Reta y’Uburundi ashikiriza kandi ko n’integuro y’ibwirizwa riraba itangazamakuru mu Burundi rikwiye gusubirwamwo naryo nyene, kugira hakosorwe utunenge twibonekeje mw’ishirwa mu ngiro ryaryo.