Umushikirizamanza mukuru wa Amerika Jeff Sessions yasabwe kwisigura mu mugwi w’inama nkenguzamateka inyuma y’ivyashikirijwe na James Comey yahoze arongoye igendereza rya Reta zunze ubumwe za Amerika.Uwo mushikirizamanza azoja imbere y’akagwi k’inama nshingamateka kajejwe iperereza, akazokwumvirizwa kuri uwu wa kabiri, nk’uko biri mw’ikete yarungikiwe.
Nk’uko vyanditswe na BBC, ingingo y’ukwimvirizwa kwa Jeff Sessions mu nama nkenguzamateka yafashwe inyuma y’ibiheruka gushikirizwa na James Comey yigeze kuba aramutswa igendereza (FBI).
Mw’ikete yanditse ku munsi wa gatandatu, James Sessions yagize ati : « Birakenewe ko mpabwa akaryo ko kuvuga kuri ivyo bibazo mu kibanza gikwiye » akibaza ko hoba imbere y’umugwi ujejwe iperereza w’inama nkenguzamateka.