Bujumbura: imbonerakure mu myiyerekano yo gushigikira umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza.

Umugambwe CNDD FDD watunganije kuri uwu wa gatandatu mu ntara ya Bujumbura bita « Rural » imyiyerekano y’ugushigikira umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA, hamwe n’inzego zitwara Uburundi.

Iyo myiyerekano yari yitabwe n’imvukira z’intara ya Bujumbura « Rural » hamwe na Syvestre Ndayizeye ajejwe imihari yegukira umugambwe CNDD FDD.

Mu migambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi banegura ko umwidegemvyo w’ugukora poritike uhabwa bamwe bo mu mugambwe uri ku butegetsi gusa. Umugambwe MSD ukabona ko ari imyiyamamazo yatangujwe n’umugambwe CNDD FDD kandi hatari bwagere.

Epithace NSHIMIRIMANA, umuvugizi w’umugambwe MSD agira ati : « Umugambwe CNDD-FDD wagumanye ya ntumbero yo gukuraho iyindi migambwe yose kugira muBburundi habeho umugambwe umwe. Imyiyerekano nk’iyo bamaze igihe bakora birerekana neza ko ata poritique bafise yo guteza imbere noguha akazi urwaruka rw’igihugu rugowe, ruri mu bushomeri butagira izina bagaca bahitamwo kuyoborera abantu mwibarabara. Duhanura urwaruka rw’Uburundi kureka kubeshwa, kuko kugira imyiyerekano atariyo nyishu y’ibibazo bihanze Uburundi. »

Olivier NKURUNZIZA, umunyamabanga mukuru w’umugambwe UPRONA avuga ko umugambwe UPRONA urangura ibikorwa vyawo vya poritike mu kuri kwamye, ariko agasaba ko mu gihe hoba hari imigambwe itemererwa gukora mu bwigenge, ko yohabwa ubwo burenganzira bw’ukuza irahura n’abanywanyi bayo, kugira nabo bitegurire amatora yo mu mwaka w’2020.