Gihanga: Umukuru w’imbonerakure yaburiwe irengero.

Iminsi ibaye itandatu atawuzi irengero rya Pasteur HAKIZIMANA, umukuru w’Imbonerakure z’umugambwe CNDD FDD muri komine Gihanga, mu ntara ya Bubanza.
Amakuru atangwa n’abanyagihugu b’i Gihanga avuga ko Pasteur HAKIZIMANA yanyurujwe n’abantu bataramenyekana ku munsi wa kane, bamusanze aho ari aho i Gihanga, bamutegeka kwurira mu modoka ifise iyo bitabonerana.

Ayo makuru y’inyuruzwa ry’umukuru w’Imbonerakure i Gihanga aremmezwa n’uwutwara umugambwe ku rwego rw’intara ya Bubanza.

Umuryango wa Pasteur HAKIZIMANA umenyesha ko kuva kuri uwo munsi wa kane afashwe akajanwa mu kibanza kitaramenyekana, terefone ngendanwa yiwe yaciye izima, bakaba batarashobora kuvugana nawe canke kumenya aho ari.