Abanyagihugu bariko barahiga abantu indwi baburiye mw’igorofa yabomotse muri Kenya.Iyi ni imihora yo hanze kandi yuguruka mu kandi kadirishaSangira
Abajejwe ibikorwa vyo gutabara inyuma y’aho iyo gorofa ibomokeye mu karere ka Nairobi.
Abazi iyo nyubakwa bavuga ko yari yaratse imigaga
Abantu indwi ni bo bataramenyekana irengero inyuma y’aho igorofa y’inzu indwi ibomokeye mu buseruko bw’igisagara ca Nairobi.
Umuryango utabara imbabare, Croix rouge, muri Kenya wanditse ku rubuga rwa twitt ko abajejwe gutabara bamaze gushika aho iyo nyubakwa yabomokeye i Kware, mu karere ka Embakasi.
Ikinyamakuru ca Star kivuga ko abantu barenga mirongo ibiri bakuwe muri iyo gorofa akanya gato imbere y’uko isenyuka.
Abayizi babwiye ico kinyamakuru ko vyagaragarak ko ishobora gusenyuka kuko yari ifise imigaga ku mpome.
Uwurongoye ibikorwa vyo gutabara, Pius Masai, yavuze ko abantu barenga 100 barokowe, ariko yongerako ko hoba hari abandi iyo gorofa yabomotse batarasohoka.
« Ibikorwa vyo gutabara biriko birabandanya, » ni ko yavuze mw’itangazo, aca ahamagarira abantu bose bafise ibikoresho vyo gufasha gutabara ko bobizana.