Abimukira benshi bagira urwo rugendo bashaka kuja i Buraya kurondera ubuzima
Abimukira bashika 100 barokowe inyuma y’aho babatereye mu gahinga bariko baragerageza kujabuka ubugaragwa mu buraruko bwa Niger, nk’uko vyavuzwe n’iradiyo y’abafaransa RFI.
Bivugwa ko abantu 92 barokowe n’abasirikare, bari bamerewe nabi cane, kuburyo hari habuze gato ngo bapfe.
Ubu abo bantu bashikirijwe ishirahamwe rijejwe kwitaho abimukira, IOM, mu gisagara ca Dirkou mu buraruko bwa Niger, nk’uko RFI ibandanya ibivuga.
Abo bimukira bavuga ko babataye mu bugaragwa
Mu ndwi zibiri ziheze, abimukira 44, bariko baragerageza kujabuka ubugaragwa bagana igihugu ca Libya barabuze ubuzima kubera inyota.