Cibitoke : Umugabo yiyemerera ko ariwe yishe umugore wa mukuru wiwe 

Umugore yahora aba muri komine Mugina mu ntara ya Cibitoke azwi kw’izina rya Emelyne NDUWARUGIRA yagandaguwe na murumuna w’umugabo wiwe.
Eric Ndayikengurukiye yagirizwa ico caha aracemera, akavuga ko yishe uwo mugore abitumwe na mukuru wiwe, umusirikare ari kugarukana amahoro mu gihugu ca Somaliya, akaba n’umugabo w’uwo mugore yishwe.

Uwo yagirizwa kandi akiyemerera ico caha ari mu minwe y’igiporisi, mu matohoza y’ukumenya icatumye akora ubwo bwicanyi, inyuma y’aho akaba ariho Sentare izoca isasa muri urwo rubanza.