Abarundi 7 bava muri komine Busoni,intara ya Kirundo bapfungiwe mu gihugu c’Urwanda kuva ku mugoroba wo kuri uno wa gatatu igenekerezo rya 14 Ruheshi 2017,igihe bariko bagerageza kujabuka bava mw’ikambi y’impunzi ya Mahama.
Amakuru ava mu gipolisi c’Uburundi,amenyesha ko kuri uno wa gatatu igenekerezo rya 14 Ruheshi 2017, nk’igihe c’isaha icumi z’umugoroba ariho abarundi 13 bahagarikwa n’igipolisi c’Urwanda,ariko batandatu muri abo barashobora kurengana.
Ayo makuru nyene amenyeshako indwi basigaye bagizwe n’abakenyezi 4 n’abana 3 bava muri komine Busoni,intara ya Kirundo, bahagaritswe, kandi bakibandanya kubazwa n’igipolisi c’Urwanda.
Ikambi y’impunzi y’i Mahama mu gihugu c’Urwanda yakiriye impunzi zirenga 30000 kuva hatanguye indyane za politike mu Burundi, mu mwaka wa 2015.