Umuntu yitwaje inkoho yarashe abashingamateka b’abarepublicain igihe bari mu myimenyerezo ya baseball mu gisagara ca Washington DC, yishwe.
Umukuru w’umugwi w’abashingamateka w’abarepublicain ari na bo benshi, Steve Scalise, n’umwe mu bahakomerekeye muri ico gitero cabereye mu gisagara ca Alexandrie.
Uwagize ico gitero yavukiye i Illinois, James T Hodgkinson, w’imyaka 66, yaciye yicwa inyuma yo kurasana n’abapolisi.
Mu bakomeretse harimwo abapolisi babiri.
Mu matora y’umukuru w’igihugu, Hodgkinson yari ashigikiye umukandida wo mu mugambwe w’abademokrate, Bernie Sanders.
Umushingamateka yarashwe Steve Scalise
Urubuga rwa facebook rusa n’urwa Hodgkinson, wuzuyemwo politike yo kugwanya abarepublicain na Trump.
Sanders asanzwe ari umukenguzamateka wa Vermont yavuze ko ababajwe n’iyo nyifato ya Hodgkinson.
Prezida wa Amerika Donald Trump yavuze ko ico gitero cakozwe bunyamaswa.
Abanshingamateka b’abarepublicain bari mu myimenyerezo
Trump yagiye kuraba uwakomeretse Scalise u bitaro, akaba aremvye cane.
Ibitaro bimenyesha ko Scalise yavunitse amagufa, akaba kandi yakomerekeye imbere, ko rero akeneye kubagwa.