Kinindo : Umugabo yigeze kuba akorera ibanki BRB yishwe 

Umuntu azwi kw’izina rya HAKIZIMANA Aimable agandaguwe n’abantu bitwaje ibirwanisho bamurashe ageze kw’ibarabara ryitiriwe Muzinda, nomero 26, muri karitiye ya Kinindo mu gisagara ca Bujumbura.
Mu giporisi c’Uburundi bamenyesha ko abagandaguye uwo mugabo bari bamukurikiranye, bamurasa ageze ku rugo rwiwe, nk’igihe c’isaha zitanu n’iminota mirongo itatu, kuri uwu wa kane.

Abagandaguye uwo muntu bamwivye n’amafaranga ataramenyekana igitigiri.

Aimable HAKIZIMANA yagandaguwe yari umukukuruke yahora akorera ibanki nkuru y’igihugu (BRB : Banque de la Republique du Burundi)