Lesotho:U mukenyezi w’umushikiranganji wa mbere yishwe arashwe 

Igipolisi mu gihugu ca Lesotho camenyesheje ko umugore w’umushikiranganji wa mbere Tom Thabane yitavye Imana arashwe mw’ijoro ryo kuwa gatatu,igenekerezo rya 14 Ruheshi 2017.
Umuvugizi w’igipolisi Clifford Molefe, yavuze ko Lipolelo Thabane w’imyaka 58 hamwe n’incuti yiwe barashwe n’umuntu ataramenyekana bariko barataha Lipolelo Thabane aca yitaba Imana,umugenzi wiwe nawe arakomereka.

Itororokanirizo ry’amakuru Reuters rimenyesha ko umuvugizi w’igipolisi yamaze kuvuga ko batanguye amatohoza kugira bamenye uwakoze ubwo bwicanyi bwahitanye umukenyezi w’umushikiranganji wa mbere.

Ubwo bwicanyi bwabereye mu gisagara ca Masana kiri ku nkengera z’umurwa mukuru Maseru,bwatumye haba ubwoba mu banyagihugu bibaza ko hashobora kwaduka indyane mu gihugu.

Lipolelo Thabane yishwe mu gihe hasigaye iminsi ibiri gusa kugira umugabo wiwe Tom Thabane arahire mu mabanga yo kuba umushikiranganji wa mbere.