Umutekano wasubiriye guhungabana mu gisagara ca Bujumbura, muri zone ya Musaga, ahagandaguwe umuntu umwe, abandi icenda barakomereka.Uwo yishwe yahitanwe na Gerenade yatewe n’umuntu ataramenyekana, nk’igihe c’isaha cumi na zibiri n’iminota mirongo ine, ku mugoroba wo kuri uwu wa gatatu.
Petero NKURIKIYE avugira igiporisi c’Uburundi amenyesha ko uwo yishwe ari uwahora yunguruza umuduga (Chauffeur), agashikiriza kandi ko muri ico gitero ca Gerenade, abandi bantu icenda bakomeretse. Uwateye iyo Gerenade ntaramenyekana.