Amasasu yarumvikanye mw’ijoro ryo kuri uwu wa gatanu ku kirindiro c’igisoda muri komine Mwumba, intara ya Ngozi.Amakuru ava aho i Ngozi avuga ko uwishwe ari umugabo azwi kw’izina rya Ferederiko, yarashwe n’abasirikare bo kuri ico kirindiro.
Umuvugizi w’igisirikare c’Uburundi, Colonel Gaspard BARATUZA yabwiye ikinyamakuru IGIHE ko ataramenya ivy’ayo makuru, yemera ko azogira ico ashikirije kuri ivyo vyagirijwe abasirikare bakorera ku kirindiro co muri komine Mwumba, mu ntara ya Ngozi.