Umuvugizi w’igipolisi: ibiharuro vyerekana yuko umutekano ukwiriye.

Mu giporisi c’Uburundi bavuga ko ibiharuro bihari ubu vyerekana ko umutekano wifashe neza, kiretse ubugizi bwa nabi bwibonekeza mu gisagara ca Bujumbura, bugizwe n’ubusuma bw’abitwaje ibirwanisho, gerenade ziterwa hamwe n’abantu bagandagurwa.
Umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi, Petero NKURIKIYE ashikiriza ko abajejwe umutekano iyo batashoboye gukinga kugira ubwo bugizi bwa nabi ntibukorwe, amatohoza ariyo aca akorwa kugira igiporisi kirondere abakoze ubwo bugizi bwa nabi bashikirizwe ubutungane.

Umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi amenyesha kandi ko igiporisi kibandanya ibikorwa vy’ukurwanya abo bagizi ba nabi, akavuga abasuma bafatwa, hamwe n’abantu baba banyurujwe ariko igiporisi kikabatora.

Igiporisi c’Uburundi gisaba abanyagihugu ko boza baratanga amakuru kare kugira ivyaha bishobore gukingwa.

NKURIKIYE amenyesha ko ata bantu bariko baranyuruzwa ubu, ahubwo ko vyigeze kuba bikorwa mu gihe c’intureka Uburundi buhitiyemwo mu mwaka w’2015, akavuga ariko ko vyaragabanutse cane.