UMUTUMIRO w’amasengesho yo gusengera abarundi n’uburundi bushasha bw’Isezerano

UMUTUMIRO W’AMASENGESHO YO KW’IGENEKEREZO RYA 21/06/2017. Turabaramukije amahoro y’Imana tuti: Shalom!

Muri aya masengesho twahawe kwishimikiza amajambo ari mu 

Gusubiramuvyagezwe11:11-21:

11. Ariko igihugu mugiye kujabukiramwo ngo mucinjire,n’igihugu kirimwo imirambi n’imyonga, kinyoshwa n’amazi y’imvura iva mw’ijuru ;12.n’igihugu Uhoraho lmana yanyu yamizako umutima,kandi acamizako ijisho, uhereye kuntango y’umwaka ugashitsa kwiherezo ryawo.

13. maze ni mwagira umwete wo kwumvira ivyagezwe mbagera uyu musi, mugakunda Uhoraho lmana yanyu mukamukorera mubiherejeko imitima yanyu yose n’ubugingo bwanyu bwose,

14. igihugu canyu azokirekurira imvura mubihe vyayo, imvura y’agatasi n’iy’urushana ,kugira mubone kwimbura amasaka yanyu n’inzabibu zanyu za vino n’imyerayo yanyu y’amavuta.

15. N’amasho yanyu azoyamereza ubwatsi mumatongo yanyu kandi muzokwama mugahimbo. 

16. Ariko mwirinde imitima yanyu yoye gusukwa mugakikama, mugasaba izindi mana mukazisenga,

17.uburake bw’Uhoraho bukabaziriringira …

URUFATIRO 

« KWITONDERA IVYAGEZWE N IMANA KUGIRA NGO DUSHIKIRE IVYAMWA VYO MUGIHUGU C’ISEZERANO »

IVYO MPWEMU W’IMANA ASABA KWITWARARIKA:

– Kumenya isoko ry’ivyo mwunva, mubona canke mwiyumvira (Imana, Satani canke kameremere);

-Kwama mwerekana ubuntu n’imbabazi z’Imana aho muherereye mukugira urukundo, impuhwe n’ubwenge;

-Guhakana kwama mugerera mu mubiri muri uru rugendo mugutwarwa n’agashavu, urwanko, ukwidodomba no kudendebukigwa;

– Kwama mwibuka urukundo Imana Se w’Umwami wacu Yesu Kristo yabakunze gushika naho itoranya vy’umwihariko ihanga ry’abarundi.

IMITWARO:

1. Gusenga abantu babane mu rukundo mubudasabwabo  

2. Gusengera igihugu c’amasezerano no kubihe igihugu kiriko kiracamwo ubu.

3. Gusengera abariko barenganywa muburyo bwose

4. Gusengera I dyane ziri mumashengero no hagati y’aba kristo. 

5. Abafise inzara n’inyota , bugarijwe n’ubukene buri mugihugu no hanze yaco.

6. Abari mumabohero atandukanye ari mugihugu c’Uburundi no mubindi bihugu.

7. Abari mu bitaro cokimwe n’abagwariye muhira mumihana itandukanye.

8. Impfuvyi n’abapfakazi, abana bo mwibarabara hamwe n’ababuze ababo.

9. Gusengera ab’isezerano bari mu ngedo z’ibikorwa bitandukanye.

10. Gusengera abafashe intumbero yo guhora bari imbere y’Imana basenga, bakora kandi bitangira ibikorwa vy’umutekano, ivya politike n’ivyimpwemu vy’isezerano.

III. IVYO GUSHIKIRIZA UBURONGOZI

1. Ivyo Mpwemu w’Imana azoba yahishuye mumasengesho.

2. Abo mwashoboye kugendera n’agashishiro mwabashiriye.

3. Abo mwashoboye kuremesha muvyo Impwemu no kubigisha umugambi w’Imana ku Burundi.

Ni dusangwe Imana-Uburundi-Isezerano.

Bigiriwe I Bujumbura kuwa 19/06/2017

abisezerano.com