Abakozi b’umuryango w’Ubumwe bwa Buraya (UE) bari mu bishwe mu gitero c’abitwaje inkoho kw’ihoteli yo mu gihugu ca Mali, niko uwujejwe imigenderanire n’amakungu muri UE, Federica Mogherini yavuze. »Kuri ivyo vyago, nokwemeza ko hari abantu babiri mubo dukorana muri UE, umukenyezi aturuka muri Mali hamwe n’umugabo aturuka muri Portugal, » niko Madamu Mogherini yabwiye abamenyeshamakuru i Luxembourg.
Igisirikare ca Portugal cari cemeje kare, ko hari umusirikare waco yapfiriye muri ico gitero.
Inteko z’umutekano za Mali zavuze ko zishe abagwanyi bane bari muri ico gitero, zifata bandi batanu.