Ubutegetsi bwa Australia bwamenyesheje ko buhagaritse ibikogwa vya gisirikare mu kirere ca Syria, inyuma yaho Uburusiya bugabishirije ko bushobora kurasa indege za Amerika n’abo bakorana.
Leta y’ico gihgugu ivuga ko « ari ingingo yo kwirinda ingorane », ariko nta zindi nsiguro yatanze.
Igabisha ry’ubutegetsi bw’i Moscou ryasohotse inyuma yaho indege ya Amerika ikororeye indege ya gisirikare ya Siriya.
Uburusiya na Amerika ntibumvikanye kw’ihanura ry’indege ya Siriya
Uburusiya buvuga ko bwahagaritse ihererekana ry’amakuru na Amerika.
Australia yarungitse abasirikare 780 bakorana n’urunani rurongowe na Amerika mu kugwanya umugwi wa Leta y’iki Islamu « Islamic State » (IS) muri Iraki no muri Siriya.
Iryo hagarika ry’ibikogwa vya gisirikare rya Australia rishitse urwo runani n’abagwanyi rufasha ku butaka, bariko baragerageza kwomora abagwanyi ba IS mu muji wa Raqqa.