Igisirikare ca RDC kiriko kiratana mu mitwe n’umugwi witwaje ibigwanisho mu karere ka Kasai
Ishengero Katolika rivuga ko abantu bashika 3, 383 bamaze kwicirwa mu midurumbanyo yo mu ntara ya Kasai muri RDC, kuva mu kwezi kwa cumi umwaka uheze, nk’uko vyandikwa n’itororokanirizo ry’amakuru rya Reuters.
Iryo tororokanirizo ry’amakuru rivuga ko ivyo biharuro bitangwa n’iryo shengero.
Onu yari yamenyesheje ko yatoye ibibanza vyahambwemwo abantu benshi bshika 20, ikaba yari yavuze ko abapfuye boba bashika 400.
Izo ntambara zahuje ingabo za reta n’umugwi witwaje ibigwanisho, ariko abanyagihugu ni bo baguye muri iyo midugararo.
Reuters ivuga ko iryo shengero rya katolika ryasanze igisirikare carasambuye ibigwati 10.
Mu vyegeranyo bitandukanye, ishirahamwe rya Norwegian Refugee Council rivuga ko abantu bashika imiliyoni 1.3 bataye izabo kubera izo ntambara, aho rivuga ko ari igitigiri ca mbere kinini c’abataye izabo kw’isi.