Inyuma y’amezi abiri impunzi z’abasomali ziharugwa mu bihumbi zisabiye gutahuka mu gihugu c’amavuko, Somalia, bamwe muri zo batanguye kugaruka mu gihugu ca Kenya kubera ibibazo basanzeyo.
Ubutegetsi bwo mu buraruko bushira ubuseruko bwa Kenya, buvuga ko bumaze kwakira abantu 800 bari mu bari baratashe.
Umugore umwe yavuganye na BBC, yabwiye umumenyeshamakuru ko yagarutse kubera yagira yicwe n’inzara muri Somalia.
« Nagarutse kuberako nananiwe n’ubuzima bwa hariya. Nibarutse amahasa, nkubu si mfise ico ndayagaburira. Nagenze iminsi 20 kugira ngo nshike hano. Mfise abana 7 hanyuma uduhera duke nari mfise twaraheze. »
Impunzi ziri mw’ikambi ya Dadaab ziriyungunganya zigacuruza kugira zibesheho neza kurusha
Imwe mu nkambi za Dadaab, Ifo, yategerezwa gucumbikira abantu 20000, ariko ubu ico gitigiri caraduze gushika ku 200000 mu gihe hari impunzi ziguma ziza kubera umutekano muke n’inzara muri Somalia.