Ngagara : Inkoho imwe yafashwe 

Inkoho yo mu bwoko bwa Kalashnikov yatowe n’igiporisi c’Uburundi, mu gatondo ko kuri uwu wa kabiri, mu karitiye ya 10 muri zone ya Ngagara, igisagara ca Bujumbura. 
Mu giporisi bamenyesha ko iyo nkoho yari kumwe n’igikono (Chargeur) cayo cuzuye amasasu. 

Ayandi makuru atangwa n’igiporisi avuga umugore azwi kw’izina rya Francine NSENGIMANA yitavye Imana yishwe n’umugabo wiwe. 

Uwo mugore asize abana batatu bapfiriye kwa muganga, aho yariko aravurirwa, inyuma y’ugukomeretswa bikomeye n’umugabo wiwe (…)

Inkoho yo mu bwoko bwa Kalashnikov yatowe n’igiporisi c’Uburundi, mu gatondo ko kuri uwu wa kabiri, mu karitiye ya 10 muri zone ya Ngagara, igisagara ca Bujumbura.

Mu giporisi bamenyesha ko iyo nkoho yari kumwe n’igikono (Chargeur) cayo cuzuye amasasu.

Ayandi makuru atangwa n’igiporisi avuga umugore azwi kw’izina rya Francine NSENGIMANA yitavye Imana yishwe n’umugabo wiwe.

Uwo mugore asize abana batatu bapfiriye kwa muganga, aho yariko aravurirwa, inyuma y’ugukomeretswa bikomeye n’umugabo wiwe Gabriel NYABENDA.

Uwo mugabo yagirizwa ico caha ari mu minwe y’igiporisi.