Portugal: Ubushuhe bubandanya bwibonekeza ku rugero runini aho mu gihugu ca Portugal bushobora gutuma imiriro yongera kwibonekeza.

Ubushuhe bubandanya kwiyongera mu gihugu ca Portugal bwateye ubwoba abantu benshi bo muri ico gihugu bibaza ko bushobora gutuma imiriro yongera kwaduka.Ubushuhe bubandanya bwibonekeza ku rugero runini aho mu gihugu ca Portugal bushobora gutuma imiriro yongera kwibonekeza, nk’uko vyagenze mu mpera z’indwi iheze.

Abajejwe intwaro muri Portugal bamenyesha ko imiriro yadutse mu mpera z’indwi iheze bashoboye kuyikinga gushika ku bice 70 kw’ijana, ariko ikibaraje ishinga ubu ari ubushuhe bubadanya bwiyongera ku rugero runini, hamwe n’imiyaga myinshi yibonekeza muri iki gihe, vyohava bituma iyindi miriro isubira kwaduka igasasika inganda.

Tubibutse ko umuriro wadutse ku munsi wa gatandatu w’indwi iheze wahitanye ubuzima bw’abantu 64, abashika 135 nabo barakomereka. N’ibigwati bitari bike vyarahiye biratokombera kubera uwo umuriro.