Abantu 10 bapfuye bahitanywe n’ibibombe vyatezwe mu modoka ku mugwa mukuru Mogadishio, niko ubutegetsi bwa Somalia bwavuze.Imodoka ipakiwemwo ibisasu biturika yarenganishijwe ku nguvu ibariyeri ry’abajejwe umutekano, hafi y’inyubakwa ya leta muri komine ya Wadajir iri mu bumanuko.
Amakuru ava muri ako karere avuga ko benshi mu bapfuye ari abasivile.