Ubushikiranganji bw’umutekano bumenyesha ko kuva mu mwaka wa 2017 gushika mu mwaka wa 2020, butegekanya gushira mu ngiro imigambi 10, izofasha ubushikiranganji kurangura ibikorwa neza.Iyo migambi izoshirwa mu ngiro ni : gutunganya ibikorwa vy’igipolisi c’Uburundi bafatiye ku biharuro,kurwanya amabi n’iterabwoba,kurwanya irwirirana ry’ibirwanisho bito bito mu banyagihugu,gukarihiriza ubwenge abapolisi no gukomeza ubucuti,gukomeza ukwegera abanyagihugu,gufasha mu kubaho neza kw’abapolisi,kwerekana ahashobora kuba Ibiza,igipolisi cegereye abanyagihugu, ibijanye n’igitsina hamwe no gutumatumanako amakuru.
Mu ruganda rwatunganijwe kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 20 Ruheshi 2017,mu ntumbero yo kwunganira no kwemeza igitabo kirimwo ibikorwa vy’ubushikirananji bw’umutekano kuva mu mwaka wa 2017 gushika mu mwaka wa 2020, CP Leonidas KIZIBA umuyobozi ajejwe gutunganya integuro z’ibikorwa mu bushikiranganji bw’umutekano yamenyesheje ko ico gitabo bunganira gifise akamaro kanini kuko gitanga ishusho y’ubushikiranganji gushika mu mwaka wa 2020.
CP Leonidas KIZIBA yavuze ko integuro y’ igitabo gishasha cerekana ibikorwa vy’ubushikiranganji bw’umutekano gushika mu mwaka wa 2020 ikomeye cane,kuko bisunze ivyari mu gitabo cakoreshejwe kuva mu mwaka wa 2013 gushika mu mwaka wa 2016,ivyo navyo bikaba bitari biteguwe neza baca babifatirako mu gutegura igitabo gishasha.
Umuyobozi ajejwe gutunganya integuro z’ibikorwa mu bushikiranganji bw’umutekano CP Leonidas KIZIBA yerekanye aho igitabo gishasha gitandukaniye nico bahora bakoresha,ati :« Iki gitabo kirahambaye kuko catunganijwe n’abapolisi b’Uburundi bonyene ubwabo, ata muhinga w’umunyamahanga arimwo. Hari imigambi yari mu gitabo twahora dukoresha yatugora gushira mu ngiro kuko abadufasha badusaba gukorera ku migambi igoye gutahura. »
Umwe mu bagize umurwi watunganije ico gitabo OPP1 Prime NIYONGABO, yavuze ko ico gitabo kizotuma abapolisi bakorera mu bisata bitandukanye bigize igipolisi c’Uburundi baronswa inyigisho zibungura ubumenyi, ibindi bisata bikaronswa ibikoresho bikwiye bibafasha kurangura imirim neza.
OPP1 Prime NIYONGABO yavuze ko ishirwa mu ngiro ry’imigambi iri muri ico gitabo rishobora guhura n’intambamyi, na cane cane iyijanye n’uburyo buzokoreshwa mw’ishirwa mu ngiro ryayo.
Urwo ruganda rwari rwitabwe n’abayobozi bakuru mu gipolisi c’Uburundi hamwe n’ abajejwe uturere mu gipolisi c’Uburundi.