Abarundi bose bagiriwe ubuntu basabwa gukorera uburundi bushasha bw’ISEZERANO

Imana yo mw’ijuru Uhoraho yadutororokanije idukura mumahanga irya n’ino, mu ntara zigihugu cacu, mu madini atandukanye, ivyiyumviro vya politike Atari bimwe, amoko n’imiryango yose igize uburundi; itugira ihanga ryayo maze iduha Isezerano ry’intahava. Iryo sezerano ni iry’igihugu gitemba amata n’ubuki, Uburundi Bushasha bw’Isezerano.Twese atanumwe avuyemwo turi beneburundi, abahutu, abatutsi, abatwa, abaganwa nimvange turi ABISEZERANO. Turi ihanga ry’abarundi batuntujwe n’imiruho y’urwanko, indyane, amacakubiri, n’ubwicanyi vyateye intambara zurutavanako. Abarundi bose turi abatoranijwe kubwo iryo isezerano kandi dutegerezwa kurigendera kugira ngo tugarukire igihugu cacu c’Uburundi, igihugu c’isezerano twasezeraniwe n’Imana Ihoraho. Nkuko abarongozi b’Ihanga ry’Imana (Isirayeli) bamye babikora, tuzobibutsa ivyo Imana yavuze vyose kugira ngo mwame muvyitwararika. Icivugo cacu ni Imana-Uburundi-Isezerano. Dukoresha ururimi rw’ikirundi,tugasenga Imana mukuri no mu Mpwemu maze tugakundisha abarundi bose Imana, Ukuri n’imico myiza. Muzohora muhabwa amabanga y’ijuru kuri radio Isezerani no kuri http://www.abisezerano.com kandi murashobora gukurikirana amakuru y’isi yose no kuyindi mihora ngurukana bumenyi. Imana ibahe ishaka ryo kugororoka no kuyikorera mwifatanije n’abandi barundi isinzi b’isezerano. Umwami Yesu abazigame kandi abahezagire.
Kubwo ABISEZERANO Dr merlin Dusengumuremyi Whatsapp: +7951-669-2965